Ja ku birimwo

Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Bufaransa Thomas Pröpstl ariko aha mushiki wacu Simone Arnold-Liebster urugori rw’iteka rw’Ubudagi.

24 NZERO 2024
UBUDAGI

Ubudagi bwarahaye Simone Arnold-Liebster agashimwe ruheta ku bw’igikorwa akora co kwigisha abakiri bato

Ubudagi bwarahaye Simone Arnold-Liebster agashimwe ruheta ku bw’igikorwa akora co kwigisha abakiri bato

Itariki 15 Kigarama 2023, Republika y’Ubudagi Bwunze ubumwe yarahaye umudari w’iteka mushiki wacu Simone Arnold-Liebster. Umudari w’iteka ni agashimwe ruheta Ubudagi buha abafashije cane abantu benshi. Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Bufaransa Thomas Pröpstl ni we yahaye uwo mudari w’iteka Simone mu birori vyabereye i Chambéry mu Bufaransa. Simone, akaba afise imyaka 93, yarakejwe kubera utwigoro yagize two gufasha abantu kutibagira ububisha n’urwanko intwaro y’abanazi yagiriye abari banse kuyishigikira.

Gushika ubu, Simone aramaze kwitaba amanama yatunganijwe mu bihugu 25. Abashika ku 65.000 baramaze kuza kwumviriza ibiganiro ashikiriza muri ayo manama, harimwo abanyeshure benshi n’abigisha. Naho ashaje, arabandanya kuja muri ayo manama biciye kuri zoom, aho yishura ibibazo abakiri bato bamubaza akababwira n’ivyo yize igihe yari akiri muto nka bo. Hari umunyeshure yitavye inama imwe Simone yagirishe yanditse ati: «Maze kwumviriza inkuru ya Simone, narabonye ukuntu dushobora kuronka ububasha n’inkomezi iyo twajijutse ku vyo twemera.»

Simone Arnold-Liebster ariko aganira n’umugwi w’abanyeshure b’i Colorado muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Zoom

Igihe uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Bufaransa Thomas Pröpstl yaha Simone ka gashimwe, yavuze ati: «Biratangaje kubona kubwira abandi ibintu bibabaje vyagushikiye vyaragukomeje. Wama uvuga ivyagushikiye n’umutima mwiza kandi utarya umunwa, wizigiye ko muri kazoza hazoba amahoro. Ivyo vyatumye ndakwubaha cane.»

Ku ntwaro y’Abanazi, Simone n’umuryango wiwe barahamwe cokimwe n’ibindi Vyabona vya Yehova. Igihe Simone yari afise imyaka 12, yarakuwe muhira, ajanwa ku nguvu kuba i Konstanz mu Budagi, mu kigo kijejwe guhasha abana b’abagarariji c’i Von Wessenberg, hakaba hari ishure ry’imbohe aho Abanazi bagerageje kumuhata ngo yemere ivyiyumviro vyabo yongere abishigikire. Kubera ko ico gihe Simone yanse gushigikira ivyo vyiyumviro vyabo, baramumaramaje, baramugaburira nabi, baramuha ibikorwa biruhisha cane kandi yaramaze hafi imyaka ibiri atemerewe kuganira n’abandi. Simone yiyumviriye ivy’ico gihe, avuga ati: «Yehova yaranshigikiye, nagumye ndi intahemuka.»

Turaremeshwa cane n’inkuru y’ukudahemuka kwa Simone n’ukuntu abandanya gushemeza Umuvyeyi wacu, Yehova Imana.​—Matayo 5:16.