Ja ku birimwo

12 MUNYONYO 2013
UBUHINDI

Igihuhusi ciswe Phailin ciha inkumbi mu Buhindi

Igihuhusi ciswe Phailin ciha inkumbi mu Buhindi

Ku wa 12 Gitugutu 2013, igihuhusi ciswe Phailin, kino kikaba ari co gihuhusi gikomeye kuruta ibindi mu vyateye Ubuhindi muri iyi myaka nka cumi iheze, caratemye kiratongora mu maleta yo mu buseruko bwo mu Buhindi ari yo Odisha na Andhra Pradesh. Ico gihuhusi co ku rugero rwa 4, cari gifise umuvuduko ushika ku bilometero 200 kw’isaha, catumye abantu ibihumbi amajana b’i Odisha bata izabo, gituma haba imyuzurira ikomeye yahitanye n’imiburiburi abantu 43. Nta n’umwe mu Vyabona vya Yehova bo muri utwo turere yapfuye canke ngo akomereke. Imbere y’uko ico gihuhusi gishikira inkengera z’utwo turere, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bo mu Buhindi vyarashizeho komite ijejwe gutabara kugira ikureyo Ivyabona nka 70 bari muri Leta ya Andhra Pradesh iri ku nkengera. Abo bimuwe, bacumbitse mu mazu y’Ivyabona bagenzi babo kandi bitwararitswe neza.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Buhindi: Tobias Dias, tél. +91 9845476425