11 MUNYONYO 2014
UBUHINDI
Ikintu c’intibagirwa mu vy’agateka ka zina muntu mu Buhindi
Hari ku wa 8 Mukakaro 1985, mu gasagara gatoyi k’i Kerala mu bumanuko bw’Ubuhindi. Kuri uwo musi, abana batatu ari bo Bijoe (yari afise imyaka 15) be na bashikiwe, Binu (yari afise imyaka 13) na Bindu (yari afise imyaka 10), baragiye kw’ishure nkuko bisanzwe. Umuyobozi w’ishure yaratanze itegeko ko abanyeshure bose bahaguruka bakaririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Ariko abo bana batatu baranse kuririmba. Kubera ko ari Ivyabona vya Yehova, bemera ko kuririmba urwo ruririmbo ari ugusenga ibigirwamana n’uguhemukira Imana yabo Yehova.
Se w’abo bana Emmanuel yaravuganye n’umuyobozi be n’abigisha maze baremerera nya bana gusubira mw’ishure no kutaririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Ariko hari umukozi yakorera kuri iryo shure vyaguye mu matwi, aca abishikana i bukuru. Ico kibazo cahavuye kimenywa n’umushingamateka, uno akaba yaciye agishikana mu Nama nshingamateka kubera ko yabona ko ico kintu abo bana bakoze caranga ukudakunda igihugu. Budakeye na kabiri, umugenduzi w’amashure yarategetse umuyobozi w’iryo shure kwirukana abo bana kiretse gusa bemeye kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Se w’abo bana yaratakambiye umuyobozi w’ishure, ariko biba impfagusa. Yaciye yitura Sentare nkuru y’i Kerala, ariko ntiyamutunganirije. Bigenze ukwo, yaciye yungururiza muri Sentare nkuru y’Ubuhindi.
Sentare nkuru yubahiriza ibwirizwa-shingiro
Ku wa 11 Myandagaro 1986, Sentare nkuru y’Ubuhindi yarafuse urubanza rwaciwe na Sentare ya mbere. Iyo Sentare yavuze ko kwirukana abo bana babahoye “ukwizera kwabo” ari uguhonyanga ibwirizwa-shingiro ry’Ubuhindi. Justice Chinnappa Reddy yavuze ati: “Nta tegeko rihari . . . risaba umuntu kuririmba.” Iyo Sentare yavuze ko kuba umuntu afise uburenganzira bwo kugira ico ashikirije bisobanura ko afise n’uburenganzira bwo kuguma anumye, kandi ko umuntu ahagurutse igihe ururirimbo ruhayagiza igihugu ruriko ruraririmbwa aba yerekanye ko ari umuntu yubaha. Sentare yaciye itegeka umuyobozi w’ishure ngo asubize abo bana mw’ishure.
Justice Reddy yavuze ati: “Ni hose [Ivyabona vya Yehova] bataririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, . . . [ari] mu Buhindi, . . . mu Bwongereza, . . . muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’ahandi. . . . Imvo yonyene ituma bataririmba ni uko bajijutse ko ivyo bemera bitabarekurira gushemeza ikintu na kimwe, kiretse ari ibijanye n’ugusenga Imana yabo Yehova.”
Rwatumye umwidegemvyo w’ugusenga wubahirizwa
Urwo rubanza rwashitse ku kintu kidasanzwe, kuko rwemeje ko ata mategeko ahatira umuntu n’umwe gukora ivyo ukwizera kwiwe kutamukundira. Iyo Sentare iratahura ko uburenganzira bw’umuntu atari ntayegayezwa kuko abwirizwa kutabangamira umutekano w’igihugu, inyifato runtu be n’amagara y’abandi. Naho ari ukwo, iyo Sentare yarashingiye akarimbi Leta kugira ntipfe gushinga amategeko arenza urugero kandi azitira abantu. Ingingo y’iyo Sentare ivuga iti: “Guhata buri munyeshure kuririmba kandi vy’ukuri umutima wiwe utabimukundira kubera ukwemera kwiwe . . . kwoba ari uguhonyanga imbonankubone ingingo ya 19(1)(a) n’ingingo ya 25(1)” ziri mw’ibwirizwa-shingiro ry’Ubuhindi.
Iyo ngingo irakingira kandi agateka k’abantu b’inkehwa. Sentare yongeyeko iti: “Demokarasi nyakuri ibonekera mu kuba ibwirizwa-shingiro ry’igihugu ritibagira mbere n’abantu b’inkehwa.” Justice Reddy na we ati: “Uko ubwacu tubona ibintu si vyo bihambaye. Umuntu akoze yisunze ivyo yemera kandi abikuye ku mutima, uwo muntu arakingirwa n’ingingo ya 25” y’ibwirizwa-shingiro.
“Imico kama yacu yigisha ukwihanganirana; ivyiyumviro vyacu vyamamaza ukwihanganirana; ibwirizwa-shingiro ryacu rigendera ukwihanganirana; ntitugutiture rero.”—Justice Chinnappa Reddy
Ivyiza vyavuye muri iyo ngingo
Urwo rubanza rwaravuzwe cane mu bimenyeshamakuru eka n’Inama nshingamateka yarihweje ivyarwo. Iyo ngingo ya Sentare irigishwa mu mashure y’ivy’amategeko mu cigwa kijanye n’ibwirizwa-shingiro. Gushika ubu, urwo rubanza ruracahayagizwa mu bitabu vy’amategeko no mu binyamakuru ko ari rwo rwabaye ishimikiro ry’ukwihanganirana mu Buhindi. Iyo ngingo yaraterereye umuganda munini mu kwerekana ico ari co umwidegemvyo mu vy’ugusenga mu gihugu kirimwo abantu b’ukwemera gutandukanye. Iyo ngingo irakingira umwidegemvyo wo kuvuga mu Buhindi igihe cose uba ugeramiwe.
Kwubahiriza ibwirizwa-shingiro bigirira akamaro bose
Naho ico gihe Emmanuel n’umuryango wiwe batyekezwa, bagashirwako umukazo n’abategetsi eka mbere barahakwa no kuhasiga agatwe, ntibicuza no kuba bagumye bumiye ku vyo bemera. Umwe muri ba bana yitwa Bindu, ubu akaba yubatse urwiwe kandi afise umwana, yigana ati: “Naratangaye igihe nahura n’umushingwamanza yize ivy’urubanza rwacu mw’ishure ry’ivy’amategeko. Yambwiye ko ashimishwa rwose n’urugamba Ivyabona vya Yehova barwanye ku bw’agateka ka zina muntu.”
Emmanuel na we yigana ati: “Mperutse guhura na Justice Thomas, umucamanza yakukurutse yakorera muri Sentare nkuru. Igihe yamenya ko ndi se wa ba bana batatu bari muri rwa rubanza rujanye n’ukuririmba ururirimbo rw’igihugu, yarankeje arambwira ko igihe aronse akaryo ko gushikiriza ijambo mw’ikoraniro ry’abashingwamanza, yama avuga ibijanye n’urwo rubanza kuko abona ko ari icerekana ko agateka ka zina muntu katahukanye itsinzi.”
Naho haciye imyaka 30, urwo rubanza ruracari ishimikiro ry’umwidegemvyo w’ugusenga mu Buhindi. Ivyabona vya Yehova barahimbawe no kuba baragize ico baterereye mu gutuma ibwirizwa-shingiro riha umwidegemvyo w’ugusenga abanyagihugu bose bo mu Buhindi.