Ja ku birimwo

Umuvukanyi Aleksey Yershov

KU WA 5 MUNYONYO, 2021
UBURUSIYA

Kwiyegereza Yehova birafasha umuvukanyi Aleksey Yershov kudacika intege

Kwiyegereza Yehova birafasha umuvukanyi Aleksey Yershov kudacika intege

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Vuba sentare ya Severskiy izosoma urubanza rw’umuvukanyi Aleksey Yershov. * Umushingwamanza yasavye ko yocirwa umunyororo w’imyaka itanu

  2. Ku wa 22 Ruheshi 2021

    Urubanza rwiwe rwarashinzwe muri sentare y’i Severskiy yo mu karere ka Tomsk

  3. Ku wa 30 Ntwarante 2021

    Aleksey yaragirijwe icaha bafatiye kw’ividewo yafashwe n’umuntu yamaze umwaka yigira ngo ariko ariga Bibiliya

  4. Ku wa 14 Mukakaro 2020

    Inyamiramabi (zikorera mu rwego rwitwa FSB) hamwe n’abakorera mu rwego rw’iperereza barateye Aleksey bamara amasaha indwi bariko barasaka inzu yiwe. Baratwaye udukarata twa banki, utwuma two mu buhinga bwa none, Bibiliya, impapuro z’inzira hamwe na routeurs za Wi-Fi

Amakuru amwerekeye

Gusoma Bibiliya no gusenga ku musi ku musi bizobandanya gukomeza no guhumuriza abavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya. Zaburi 9:9 iradukura amazinda ko “Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe, ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa.”

^ ing. 3 Ntivyama bikunda kumenya imbere y’igihe umusi Sentare izofata ingingo.