KU WA 5 MUNYONYO, 2021
UBURUSIYA
Kwiyegereza Yehova birafasha umuvukanyi Aleksey Yershov kudacika intege
Ivyabaye n’igihe vyabereyeko
Vuba sentare ya Severskiy izosoma urubanza rw’umuvukanyi Aleksey Yershov. * Umushingwamanza yasavye ko yocirwa umunyororo w’imyaka itanu
Ku wa 22 Ruheshi 2021
Urubanza rwiwe rwarashinzwe muri sentare y’i Severskiy yo mu karere ka Tomsk
Ku wa 30 Ntwarante 2021
Aleksey yaragirijwe icaha bafatiye kw’ividewo yafashwe n’umuntu yamaze umwaka yigira ngo ariko ariga Bibiliya
Ku wa 14 Mukakaro 2020
Inyamiramabi (zikorera mu rwego rwitwa FSB) hamwe n’abakorera mu rwego rw’iperereza barateye Aleksey bamara amasaha indwi bariko barasaka inzu yiwe. Baratwaye udukarata twa banki, utwuma two mu buhinga bwa none, Bibiliya, impapuro z’inzira hamwe na routeurs za Wi-Fi
Amakuru amwerekeye
Gusoma Bibiliya no gusenga ku musi ku musi bizobandanya gukomeza no guhumuriza abavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya. Zaburi 9:9 iradukura amazinda ko “Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe, ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa.”
^ ing. 3 Ntivyama bikunda kumenya imbere y’igihe umusi Sentare izofata ingingo.