KU WA 30 NZERO 2024
UBURUSIYA
Mushiki wacu Sona Olopova yaciriwe kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mu kigo c’ibohero
Ku wa 25 Nzero 2024, sentare y’i Tsentralniy yo mu karere ka Tolyatti mu ntara ya Samara yaraciriye mushiki wacu Sona Olopova kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mw’ibohero. Azobwirizwa kuba muri iryo bohero ariko arakora ivyo bikorwa.
Amakuru amwerekeye
Turazi tudakeka ko Yehova azobandanya kuyobora Sona, kumukingira no kumugaragariza urukundo yongere abikorere n’abasavyi biwe bose b’intahemuka babandanya kumwizigira.—Zaburi 86:2.
Ivyabaye n’igihe vyabereyeko
Ku wa 15 Rusama 2023
Ni ho Sona yatangura gukurikiranwa n’amategeko
Ku wa 16 Rusama 2023
Ni ho baza gusaka inzu yiwe. Baciye baja kumusambisha maze bamubuza kugira ingendo
Ku wa 6 Nyakanga 2023
Yaratanguye kuburana
Ku wa 25 Nzero 2024
Yaraciriwe urubanza rwo kumara imyaka ibiri ariko arakora ibikorwa vy’agahato mu kigo c’ibohero
a Iki ni ikiganiro twagiranye na mushiki wacu Olopova cabaye imbere y’uko acirwa urubanza.