Ja ku birimwo

Umuvukanyi Aleksandr Lubin n’umukenyezi wiwe Tatyana

KU WA 5 RUHUHUMA 2024
UBURUSIYA

«Nuragize Yehova inzira yawe»

«Nuragize Yehova inzira yawe»

Sentare ya Shadrinskiy yo mu karere ka Kurgan vuba izomenyesha urubanza yaciriye umuvukanyi Aleksandr Lubin. Umushingwamanza ntarahitamwo urubanza azomucira.

Amakuru amwerekeye

Cokimwe na Aleksandr, nitwizigira ko Yehova azodushigikira, turazi neza ko tuzoshobora kuguma turi intahemuka tukongera tukihangana naho twoba turi mu ngorane zimeze gute.​—Yesaya 38:14.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 13 Mukakaro 2021

    Ni ho Aleksandr yatangura gukurikiranwa n’amategeko

  2. Ku wa 14 Mukakaro 2021

    Baraje gusaka amazu umunani y’Ivyabona vya Yehova. Barafashe Aleksandr, baramusambisha baca baramupfunga ivy’agateganyo

  3. Ku wa 16 Mukakaro 2021

    Aleksandr yarungitswe mw’ibohero mu kurindira ko acirwa urubanza

  4. Ku wa 19 Mukakaro 2021

    Yarunguruje urubanza kubera yari aremvye cane

  5. Ku wa 28 Myandagaro 2021

    Sentare y’Abanyaburaya iharanira agateka ka zina muntu imaze gusaba ko Aleksandr yorekurwa, yararekuwe ariko baca bamubuza kugira ingendo

  6. Ku wa 14 Mukakaro 2023

    Yaratanguye kuburana

  7. Ku wa 7 Nyakanga 2023

    Ntivyakunze ko Aleksandr aja gusamba kubera ko yari arwariye mu bitaro