8 RUHESHI 2022
UBURUSIYA
Sentare y’Abanyaburaya yarasohoye ingingo y’intibagirwa ku bijanye n’Uburusiya kubera buriko burahama Ivyabona vya Yehova
Ku wa 7 Ruheshi 2022, Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu (ECHR) yarasohoye ingingo y’intibagirwa a ku bijanye n’Uburusiya kubera buriko burahama Ivyabona vya Yehova. Iyo Sentare yavuze ko kuba Uburusiya bwarahagaritse Ivyabona vya Yehova mu 2017 bidahuye n’amategeko. Yavuze kandi ko barenze ku mategeko mu guhagarika ibitabu vyacu hamwe n’urubuga rwa jw.org. Uburusiya bwategetswe guhagarika imanza zose ziri mu masentare zerekeye abavukanyi na bashiki bacu hamwe no kurekura abo bose bari mu gasho. Vyongeye, Uburusiya bwategetswe gusubiza inyubakwa zacu zose bwigaruriye canke gutanga amahera y’abanyaburaya angana 59.617.458 (amamiliyaridi arenga 129 mu marundi) kugira burihe ivyo bwigaruriye. Basavye kandi Uburusiya guha abitwaye amahera y’abanyaburaya angana 3.447.250 (amamiliyaridi arenga indwi mu marundi) nk’indishi y’akababaro.
Iyo ngingo yafashe ijanye n’imanza 20 zo kuva mu 2010 gushika mu 2019 zerekeye ibirego 1.400 (aho harimwo ivyatanzwe n’Ivyabona umwe wese ukwiwe hamwe n’ivy’inzego zabo zemewe n’amategeko). Naho ari ukwo, ingingo Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yafashe ntiyerekeye gusa abo bitwaye. Ivuga ko Uburusiya “butegerezwa gukora ibikenewe vyose kugira buhagarike imanza zose ziri mu masentare zerekeye Ivyabona vya Yehova . . . be no kurekura Ivyabona vya Yehova bose bamaze igihe batidegemvya.” (Ni twe dushimitse.) Iyo Sentare yaraburaniye abavukanyi na bashiki bacu bari mu Burusiya n’ahandi yongera iravuga ko abavukanyi bacu ari abanyagihugu bakurikiza amategeko mugabo bakaba bariko bahamwa bongera bapfungwa ata co bazira.
Mu kiringo c’urwo rubanza, iyo Sentare yarabeshuje ishimitse ibirego bidafashe Uburusiya butwagiriza bivuga ko ivyo dukora, ivyo twemera, ibitabu dusohora hamwe n’urubuga rwacu ari ivy’intagondwa. Nk’akarorero, raba bimwebimwe mu vyo iyo Sentare yavuze:
Ingene twigenza: Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yavuze ishimitse ko sentare zo mu Burusiya “zitigeze zitanga ivyemeza vyerekana ko ibikorwa canke amajambo vy’abitwaye vyoba biremesha ubukazi, urwanko canke amacakubiri.” (Ingingo ya 271)
Ivyabona vya Yehova turemera ko turi mu kuri: “Kugerageza kujijura abandi ko idini urimwo ribereye be no kubaremesha guheba ‘idini ry’ikinyoma’ maze bifatanye n’‘idini ry’ukuri’ ni uburyo bwemewe n’amategeko bwo gukoresha umwidegemvyo wo gusenga hamwe no guserura ivyo wemera.” (Ingingo ya 156)
Guterwa amaraso: “Umuntu aremerewe kwanka guterwa amaraso kubera ko umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo kwihitiramwo uburyo bwokoreshwa mu kumuvura. Ubwo burenganzira buremewe n’Amasezerano hamwe n’amategeko y’Uburusiya.” (Ingingo ya 165)
Kwanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima: “Kuba baranse kuja mu gisoda babitumwe n’ivyo bemera, nta tegeko na rimwe ry’Uburusiya bahonyanze.” (Ingingo ya 169)
Ibitabu dusohora: “Ivyo abitwaye bakora hamwe n’ibitabu basohora biremesha amahoro kandi birahuye n’icivugo bafise co kuba abanyamahoro.” (Ingingo ya 157)
JW.ORG: Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yavuze ko urubuga rwa jw.org atari urw’intagondwa. Nimba hari amakuru abategetsi batashimye kuri urwo rubuga, bari gusaba ishirahamwe gukura ayo makuru kuri urwo rubuga aho kuruhagarika rwose. (Ingingo ya 231 n’iya 232)
Iyo ngingo Sentare yafashe yaraneguye iyo ngendo y’abategetsi b’Uburusiya yongera iremeza ko ivyo bakoze kwari ukwinubana, akarenganyo be n’uko “batakurikije amategeko.” (Ingingo ya 187) Nk’akarorero, Sentare yaciye ishira ahabona ibi bikurikira vyavuye mu matohoza yagize:
“Guhagarika Ivyabona vya Yehova mu Burusiya ntivyari bihuye n’amategeko. Ahubwo, ibimenyamenya vyerekana ko abategetsi b’Uburusiya banka Ivyabona vya Yehova be n’uko bashatse ko Ivyabona vya Yehova baheba ukwizera kwabo no kubuza abandi ngo ntibifatanye na bo.” (Ingingo ya 254)
Abategetsi b’Uburusiya bararenza uruho rw’amazi ku “makosa akorwa mu bucamanza.” Nk’akarorero, Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yapfuye kwemera amakuru yahawe n’igipolisi hamwe n’abatuburanya aho gusuzuma ataho bahengamiye ibitabu vyacu. (Ingingo ya 203)
Itegeko ryerekeye intagondwa ryanditswe n’ibigirankana mu buryo budatomoye ku buryo ivyo vyatumye abategetsi batangura gufata nabi Ivyabona vya Yehova. (Ingingo ya 272)
Ntituzi neza ingaruka iyo ngingo yafashwe na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu izogira mu Burusiya. Naho biri ukwo, ntitwitega ko abategetsi b’abantu ari bo badufasha kwihanganira ingorane dufise. Ahubwo, “twiteze [ko] Yehova” ari “we mutabazi wacu n’inkinzo yacu.”—Zaburi 33:20.