29 RUHESHI 2022
UBURUSIYA
Uburusiya bwarikuye muri Sentare y’Abanyaburaya
Ku wa 11 Ruheshi 2022, Umukuru w’igihugu Vladimir Putin yarashize umukono ku mategeko abiri akura Uburusiya mu bafise uburenganzira bwo guca imanza muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kuva ku wa 15 Ntwarante 2022. Ku bw’ivyo, ingingo zose zafashwe na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kuva ku wa 15 Ntwarante 2022 kubandanya Uburusiya ntibuzozishira mu ngiro. Muri izo ngingo, harimwo ya ngingo yafashwe n’iyo Sentare ku wa 7 Ruheshi, iyavuga ko guhagarika Ivyabona vya Yehova mu Burusiya bidahuye n’amategeko yongera irategeka Uburusiya ngo bureke guhama Ivyabona, burekure abapfunzwe bose bwongere busubize inyubakwa bwigaruriye canke na ho burihe abitwaye amahera ashika imiliyoni 59 z’abanyaburaya (amamiliyaridi arenga 129 mu marundi).
Komite y’Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya ijejwe gusuzuma ingene ingingo zifatwa na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu zishirwa mu ngiro mu bihugu biri muri iyo Sentare. Uburusiya bwagiye muri iyo Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya kuva mu 1996.
Ku wa 15 Ntwarante 2022, Uburusiya bwaramenyesheje Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya ko bwipfuza kuva muri iyo Nama. Ku musi ukurikira, iyo Nama yaciye ikura Uburusiya ku rutonde rw’abayirimwo. Hisunzwe amasezerano Uburusiya bwashizeko umukono igihe bwinjira muri iyo Nama, bwaramenyeshejwe ko butegerezwa kubandanya gukurikiza ingingo zose zifatwa na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu gushika ku wa 16 Nyakanga 2022.
Uburusiya bwashatse kwikura muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kugira ntibushire mu ngiro za ngingo zibiri zafashwe n’iyo Sentare ku wa 7 Ruheshi 2022. Kuri uwo musi nyene, ni ho iyo Sentare yafata ingingo iburanira abavukanyi bacu bo mu Burusiya.
Ingingo Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yafashe izokoreshwa mu masentare y’ibihugu 46 biri mu Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya mu manza zerekeye Ivyabona vya Yehova. N’igihambaye kuruta, iyo ngingo irambika izera Ivyabona vya Yehova, ikabakurako ibirego vyose Uburusiya bwabagirije. Iyo ngingo irashingira intahe ikomeye Yehova ikongera igatuma izina ryiwe ryezwa. Mu vy’ukuri, Yehova ni we abereye gushemezwa!—Zaburi 83:18.