Ja ku birimwo

Umuvukanyi Anatoliy Isakov n’umugore wiwe Tatyana

Ku wa 1 NZERO 2024
UBURUSIYA

‘Yehova ntiyigeze ampeba’

‘Yehova ntiyigeze ampeba’

Sentare yo mu gisagara ca Kurgan iri mu karere ka Kurgan vuba igiye gutangaza ingingo yafashe ku vyerekeye urubanza rw’umuvukanyi Anatoliy Isakov. Umushikirizamanza ntarafata ingingo y’urubanza azomucira.

Amakuru amwerekeye

Turashima ukuntu Anatoliy yumirako kandi akagumana ukwizera naho ari mu ngorane nyinshi. Kandi turahimbarwa no kumenya ko naho twoca mu ngorane zimeze gute, Yehova azokwerekana ko ari «igitandara [cacu].»​—Zaburi 73:26.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 13 Mukakaro 2021

    Ni ho yatanguye gukurikiranwa n’amategeko

  2. Ku wa 14 Mukakaro 2021

    Baraje gusaka inzu yiwe. Baca bamupfunga vy’imfatakibanza

  3. Ku wa 15 Mukakaro 2021

    Yarungitswe mw’ibohero mu kurindira gucibwa urubanza

  4. Ku wa 21 Mukakaro 2021

    Urubanza rwiwe rwungururijwe mu rwego rw’ivy’amagara rwo mu karere ka Kurgan basaba ko Anatoliy yorekurwa kugira abandanye gufata imiti ikaze ya kanseri.

  5. Ku wa 28 Myandagaro 2021

    Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu imaze gusaba ko yorekurwa, yararekuwe. Ariko ntiyari yemerewe gufata ingendo

  6. Ku wa 6 Mukakaro 2023

    Atangura kuburana