21 NZERO 2014
UBURUSIYA
AMAKURU MASHASHA: Bananirwa kwugara umuhora wa JW.ORG
Ku wa 7 Myandagaro 2013, i Saint Petersbourg mu Burusiya, sentare y’intara ya Tsentralniy yo mu gisagara ca Tver, hakaba ari nko ku bilometero 160 mu buraruko bwa Moscou, yafashe ingingo yo kwugara umuhora w’ivya Bibiliya wa jw.org mu gihugu cose c’Uburusiya.
JW.ORG ni umuhora wemerwa cane n’abawugirako ubushakashatsi kandi abantu ibihumbi amajana bo hirya no hino kw’isi baraja kuri wo. Naho ari ukwo, iyo sentare yarifatanije n’abategetsi barondera kwugara uwo muhora ukundwa na benshi. Iyo sentare yarafashe ingingo itarinze kubimenyesha canke kurengutsa bene uwo muhora, na bo akaba ari Ivyabona vya Yehova (Watchtower Bible and Tract Society of New York). Ivyabona baciye bitwara muri sentare y’akarere ya Tver. Urubanza rukaba rwashizwe kw’igenekerezo ya 22 Nzero 2014.
Mu gihe urwo rubanza rutohindura iyo ngingo, Ivyabona barenga 160.000 bo mu Burusiya ntibazosubira gukoresha uwo muhora kandi ari wo bama bikorako mu bikorwa vy’idini, mu kwiyigisha Bibiliya be no mu kuyiga mu muryango. Kuvuga ivyerekeye uwo muhora bizofatwa ko ari icaha gikomeye mu Burusiya. N’ikindi kandi, abanyagihugu nk’imiliyoni 142 baba mu Burusiya bazoba babujijwe kurondera amakuru atangwa ku buntu yerekeye Bibiliya ari kuri uwo muhora. Yekaterina Elbakyan, Dogoteri muri filozofiya akaba n’umuhinga mu bijanye n’amadini akaba yigisha muri kaminuza imwe y’i Moscou (Academy of Labor and Social Relations), avuga ku bijanye n’uwo muhora ati: “Ni ingabirano kuri uwo wese ashaka kugira ubushakashatsi ku vyerekeye idini. Uwusangako amakuru yumvikana kandi atahurika. Ibibazo bihambaye bijanye n’ivy’Imana be n’inyifato runtu birasigurwa mu buryo bworoshe. Igihe uri kuri uwo muhora, wumva wisanze nk’aho uhawe ikaze mu nzu y’Ivyabona vya Yehova.”
Grigory Martynov, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya ari i Saint Petersbourg, avuga ati: “Umuhora wa jw.org ni igikoresho ciza cane ku baba mu gihugu cacu barondera amakuru ajanye na Bibiliya. Uwo muhora nturimwo na gato ivya politike canke ivy’urudandaza. Twizeye ko sentare y’akarere ya Tver izokora uko ishoboye ngo Abarusiya bose bagumane iryo soko ry’inyigisho rikundwa n’abantu benshi.”
J. R. Brown, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari ku cicaro gikuru cabo i New York, agira ati: “Umuhora wa jw.org ni ngirakamaro yaba mu kugira ubushakashatsi canke mu kurondera amakuru yo kwizigirwa ku bw’imiryango yo kw’isi yose. Ni ngirakamaro ku buryo n’imiburiburi abantu 900.000 baja kuri uwo muhora ku musi ku musi barondera amakuru ngirakamaro ari mu ndimi nka 600. Kwugara uwo muhora ni ingingo itagira ishingiro na gato.”
Uwujejwe amakuru:
Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000
Mu Burusiya: Grigory Martynov, tél. +7 812 702 2691