Ja ku birimwo

3 RUHESHI 2015
UBURUSIYA

Basubiye kwemererwa gukorera mu Burusiya

Basubiye kwemererwa gukorera mu Burusiya

Mu Burusiya: Ku wa 27 Rusama 2015, ubushikiranganji bw’ubutungane bwaremeye ko ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Moscou ryosubira gukora. Ico kintu cabaye haciye imyaka itanu ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu ivuze ko Sentare y’i Moscou yarenganije Ivyabona vya Yehova mu gufuta ishirahamwe ryabo.

Mu 2004, inyuma y’imburano zari zimaze imyaka n’iyindi, Sentare y’i Moscou yarafashe ingingo yo gufuta ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Mu 2010, Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yategetse Uburusiya kurenganura Ivyabona vya Yehova no gutanga indishi y’akababaro. Leta y’Uburusiya yari yaratanze iyo ndishi y’akababaro ariko ubu ni ho yaza yemerera iryo shirahamwe gusubira gukora.