Ja ku birimwo

15 NYAKANGA 2015
UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova basubira kuburanywa i Taganrog: Akarenganyo kazohera ryari?

Ivyabona vya Yehova basubira kuburanywa i Taganrog: Akarenganyo kazohera ryari?

Urubanza rwasubiwemwo rw’Ivyabona vya Yehova 16 b’i Taganrog ruri hafi kurangira. Ivyabona bamaze imyaka irenga ibiri baburana, bahorwa gusa kuba bakora ibijanye n’ukwizera kwabo. Bamwe bashobora gupfungwa canke gucirwa amande y’umurengera. Urwo rubanza rumaze igihe kirekire rwagize ingaruka izihe ku Vyabona? Vyogenda gute nka hamwe bokubitwa intahe mu gahanga?