Ja ku birimwo

3 Ntwarante 2014
UBURUSIYA

Amakuru yiyongereye: Bananirwa kubuza umuhora wa JW.ORG

Amakuru yiyongereye: Bananirwa kubuza umuhora wa JW.ORG

I SAINT-PETERSBURG mu Burusiya, Ivyabona vya Yehova baratahukanye intsinzi ikomeye muri sentare ku wa 22 Nzero 2014, aho sentare y’iyungururizo yafuta ingingo yari yafashwe na sentare yo hasi yo kubuza mu Burusiya hose umuhora wa jw.org, akaba ari umuhora wemewe w’Ivyabona vya Yehova.

Sentare y’akarere ka Tver yarafuse ingingo yari yafashwe na sentare y’intara ya Tsentralniy ku wa 7 Myandagaro 2013. Sentare y’akarere yaremeje ko sentare y’intara itari ifise imvo zihagije zo kubuza uwo muhora kubera yuko benewo, ari bo Vyabona vya Yehova, batahawe akaryo ko kwitaba urwo rubanza. Umushikirizamanza w’i Tver yitwaye kubera ko umuhora jw.org warimwo ibitabu amasentare y’Uburusiya yavuze yuko “birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa”. Ivyabona vya Yehova bakimenya ingingo yafashwe n’iyo sentare y’intara, baciye bakura ivyo bitabu mu muhora jw.org mu Burusiya. Sentare y’akarere ya Tver yaremeje ko Ivyabona bakurikije amategeko y’Uburusiya maze baca barafuta ya ngingo yo kubuza uwo muhora.

Ivyabona vya Yehova bariyamiriza ingingo zafashwe n’amasentare y’Uburusiya z’uko ibitabu bimwebimwe vyabo “birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa” kandi vyinshi mu bitabu vyabo barabijanye muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu kugira ngo ifute izo ngingo.

Grigory Martynov, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya avuga ati: “Turahimbawe kubona abacamanza barabonye akamaro k’umuhora wacu be n’ukuntu tutadadaza mu kugira akigoro ko gukurikiza ingingo ziba zafashwe n’amasentare y’Uburusiya. Tuzobandanya kwerekana ko ibitabu vyacu ata kibi birimwo be no kuburanira uburenganzira bw’abanyagihugu b’Uburusiya bwo kwungukira bimwe bishitse ku gikorwa cacu co kwigisha ivya Bibiliya.”

Umuvugizi w’icicaro gikuru co kw’isi yose c’Ivyabona, J. R. Brown, avuga ati: “Kubera iyo ntsinzi mu vy’amategeko, abanyagihugu bose b’Uburusiya bazobandanya kwinjira muri uwo muhora mwiza igitangaza mu vyo kwigisha Bibiliya.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Mu Burusiya: Grigory Martynov, tel. +7 812 702 2691