Ja ku birimwo

8 RUHESHI 2017
UBURUSIYA

Prezida Putin yarambitse umudari abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova

Prezida Putin yarambitse umudari abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova

NEW YORK: Ku wa 31 Rusama 2017, mu birori vyabereye ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Moscou, Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yarambitse abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova umudari uhabwa abavyeyi b’intangakarorero. Abo bavyeyi ni Valeriy na Tatiana Novik bo mu karere ka Karelia, bakaba bafise abana umunani.

Ivyo birori vyabereye ku kirimba c’umukuru w’igihugu buca haba umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abana.

Ivyo gutanga mwene uwo mudari vyashizweho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo muri Rusama 2008. Uwo mudari uhabwa abavyeyi bareze n’imiburiburi abana indwi, bakaba barabitayeho cane mu kubavuza, mu kubashira mw’ishure no mu kubaha indero runtu kandi bakitwararika ko bagira amagara meza ku mubiri no mu bwenge. Imiryango ihabwa uwo mudari ifatwa ko ari intangakarorero mu gukomeza ingo n’imiryango.

Valeriy Novik, se w’abana umunani, ariko arambikwa umudari na Prezida Putin.

David A. Semonian, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova akorera ku cicaro gikuru cabo kiri i New York, avuga ati: “Tubona ko ako gashimwe ari ikimenyamenya c’uko inyigisho zishingiye kuri Bibiliya Ivyabona vya Yehova batanga ku buntu zifasha abavyeyi n’abana babo kuba abanyagihugu beza, atari mu Burusiya gusa ahubwo kw’isi yose. Twizigiye ko Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya itazokwirengagiza ako gashimwe katanzwe n’umukuru w’igihugu niyasubira kwihweza ingingo yo gufuta ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya ku wa 17 Mukakaro 2017.”

Uwujejwe amakuru:

David A. Semonian wo mu biro bijejwe amakuru, tél +1-845-524-3000