Ja ku birimwo

28 MUNYONYO 2014
UBURUSIYA

Sentare y’akarere ya Rostov yoba izokwambika izera Ivyabona vya Yehova canke izobapfunga?

Sentare y’akarere ya Rostov yoba izokwambika izera Ivyabona vya Yehova canke izobapfunga?

Ku wa 11 Kigarama 2014, Sentare y’akarere ya Rostov izokwumviriza urubanza rwungurujwe rwerekeye Ivyabona vya Yehova 16 b’i Taganrog mu Burusiya. Bagirijwe ko batunganije amakoraniro ajanye n’ivyo gusenga bongera barayitaba, ayo makoraniro akaba agirwa mu mahoro.

Iyo ngorane yatanguye mu 2011, igihe abajejwe intwaro bo ng’aho basaka n’ishavu n’akantu amazu y’Ivyabona bongera barafata amajwi mu kinyegero y’ivyavugirwa mu makoraniro. Bahavuye bagiriza Ivyabona ubukozi bw’ikibi. Inyuma y’urubanza rwamaze umwaka n’amezi atatu, Sentare y’igisagara ca Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona indwi ku wa 30 Mukakaro 2014. Bose uko ari indwi umucamanza yarabaciye amande y’umurengera yongera acira bane muri bo umunyororo w’igihe kirekire. Ariko yaciye ahindura, arabakurako ayo mande n’uwo munyororo. Uwo mucamanza yarambitse izera ibindi Vyabona icenda yisunze amategeko agenga ukuntu imanza ziburanishwa, ariko ntiyabakuyeko icaha c’uko ngo bagize uruhara mu bikorwa vy’intagondwa. Ivyo Vyabona bose uko ari 16 baciye bunguruza basaba ko bokwezwa burundu.

Umushikirizamanza na we nyene yarunguruje. Asaba ko Sentare y’akarere ya Rostov yocira umunyororo ivyo Vyabona bane, abo avuga ko ari bo barongoye abandi, be n’uko boza baraburana bapfunzwe. Asaba kandi iyo sentare ko yohindura ingingo yafashwe yo kwambika izera ibindi Vyabona icenda, ikemeza ko bagirwa n’icaha co gukora ibikorwa yise ko ari ivy’intagondwa.

Vasiliy Kalin, uwuserukira Ibiro nyobozi vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Burusiya, yavuze ati: “Nizigiye ko Sentare y’akarere ya Rostov izobona akarenganyo kagiriwe abo bantu 16 bahorwa ivy’idini maze ikabambika izera ku vyaha vyose bagirizwa.”