Ja ku birimwo

16 MUKAKARO 2014
UBURUSIYA

Sentare yo mu Burusiya izoshikiriza ingingo: Ivyabona vya Yehova barashobora gukubitwa intahe mu gahanga bazira ukwizera kwabo

Sentare yo mu Burusiya izoshikiriza ingingo: Ivyabona vya Yehova barashobora gukubitwa intahe mu gahanga bazira ukwizera kwabo

Ku wa 28 Mukakaro 2014, sentare yo mu gisagara ca Taganrog izoshikiriza ingingo yafashe mu rubanza rumaze amezi 15 rwerekeye Ivyabona vya Yehova 16. Abategetsi b’i Taganrog bagiriza ivyo Vyabona icaha co gutunganya no kwitaba amakoraniro yo gusenga hamwe no kubwira abandi ivyo bemera, ivyo bikaba ari ibikorwa Ivyabona vya Yehova basanzwe bakora kw’isi yose. Hamwe sentare y’i Taganrog yokwemeza ico caha, abategetsi bo hirya no hino mu Burusiya boshobora kwisunga urwo rubanza mu kwagiriza Ivyabona vya Yehova ubukozi bw’ikibi babaziza ukwizera kwabo.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Mu Burusiya: Grigory Martynov, tel. +7 812 702 2691