Ja ku birimwo

20 NDAMUKIZA 2017
UBURUSIYA

Sentare nkuru y’Uburusiya yafatiye ingingo Ivyabona vya Yehova

Sentare nkuru y’Uburusiya yafatiye ingingo Ivyabona vya Yehova

NEW YORK: Inyuma y’imisi itandatu Sentare nkuru y’Uburusiya yari imaze yumviriza urubanza muri izi ndwi zibiri ziheze, uno musi yafashe ingingo yo gushigikira Ubushikiranganji bw’ubutungane. Ubwo bushikiranganji bwari bwasavye ko iyo Sentare yugara ibiro bikuru vy’Ivyabona vya Yehova n’amashirahamwe 395 banditsweko imbere y’amategeko muri ico gihugu. Iyo ngingo ija mu ngiro igisohoka.

Yaroslav Sivulskiy umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya avuga ati: “Turababajwe cane n’iyo ngingo kandi turarajwe ishinga n’inkurikizi izogira ku bikorwa vyacu bijanye no gusenga. Tuzokwunguruza urubanza kandi twizigiye ko Ivyabona batazoteba gusubizwa agateka kabo bakongera bagakingirwa n’amategeko narirya ari abanyamahoro.”

Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bahawe imisi 30 yo kwunguruza urubanza kugira rwihwezwe n’umugwi w’abacamanza batatu.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: David A. Semonian wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1-845-524-3000

Mu Burusiya: Yaroslav Sivulskiy, +7-911-087-8009