Ja ku birimwo

18 MUKAKARO 2017
UBURUSIYA

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova

Ku wa 17 Mukakaro 2017, Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova, ivyo bikaba bihonyanga amasezerano mpuzamakungu ajanye no kwubahiriza umwidegemvyo wo gusenga Uburusiya bwateyeko igikumu. Iyo ngingo irahagarika ibikorwa bijanye no gusenga vy’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya bwose.

Abacamanza batatu bari bagize igisata c’iyungururizo c’iyo sentare baranse kwongera kwumviriza urwo rubanza nk’uko Ivyabona bari babisavye, maze bashigikira ingingo iyo sentare yari yafashe ku wa 20 Ndamukiza. Iyo ngingo yari yashikirijwe n’umucamanza Yuriy Ivanenko, ikaba yarashigikira ivyo ubushikiranganji bw’ubutungane bwari bwasavye ko icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya n’ayandi mashirahamwe agikukira bifutwa maze amatungo y’iryo shirahamwe yose akegukira leta y’Uburusiya.

Abari mu mugwi w’ababuranira Ivyabona

Iyo ngingo ituma umutekano w’Ivyabona vya Yehova barenga 175.000 bo mu Burusiya ugeramirwa. Philip Brumley, umuhanuzi mu vy’amategeko w’Ivyabona vya Yehova, yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barahagaritswe umutima cane n’umutekano w’abo basangiye ukwemera bo mu Burusiya. Iyo ngingo ituma amabi Ivyabona bo mu Burusiya bariko barakorerwa asa n’ayemewe n’amategeko kandi irashobora gutuma baza barakurikiranwa n’ubutungane, n’ayo mabi bakorerwa akongerekana. Basigaye ari ibicibwa mu gihugu cabo c’amavukiro.”

Ivyabona bo mu Burusiya barungururije muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu no muri ya Komite ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Mu kurindira ikizovamwo, Ivyabona bagenzi babo bo kw’isi yose babandanya gusenga basaba ko leta y’Uburusiya yokwisubirako ikubahiriza uburenganzira bw’ishimikiro bwa zina muntu, ku buryo Ivyabona ‘babandanya kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, bari n’ukwihebera Imana gukwiye,’ nk’uko bivugwa muri 1 Timoteyo 2:2.