Ja ku birimwo

1 MUKAKARO 2014
UBURUSIYA

Ya Sentare y’Abanyaburaya ishigikira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bwo gukoranira hamwe ku bwo gusenga

Ya Sentare y’Abanyaburaya ishigikira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bwo gukoranira hamwe ku bwo gusenga

Ku wa 26 Ruheshi 2014, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yarashigikiye Ivyabona vya Yehova be n’uburenganzira bafise bwo gusenga. Yarerekanye ko abategetsi bo mu Burusiya badakwiye kubaburabuza hatisunzwe amategeko. Mu ngingo abagize iyo Sentare bafashe ata n’umwe avuyemwo, bavuze ko Uburusiya bwarenze ku ngingo ya 5 (uburenganzira bwo kwidegemvya no kugira umutekano) be n’iya 9 (umwidegemvyo mu bijanye n’ivyiyumviro, ijwi ryo mu mutima be n’idini) ya ya Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Aho hari igihe abapolisi binjira ku nguvu kandi mu buryo butemewe n’amategeko aho Ivyabona vya Yehova bariko barasengera mw’ijoro ryo ku wa 12 Ndamukiza 2006.

Muri iryo joro, Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi bari bakoraniye hamwe kugira bahimbaze urupfu rwa Yezu Kristu, nk’uko bama babigira buri mwaka. Hari amashengero abiri y’i Moscou yari yakose ikibanza kiberamwo amanama co kw’ishure rimwe ngo akigiriremwo iryo koraniro ridasanzwe, kandi bari biteze ko baza kuhakoranira barenga 400. Mu gihe bari muri iryo koraniro, haraje abapolisi bashangashiwe bari mu miduga cumi n’ibiri, bakaba bari baje bazananye n’abandi bapolisi bakora mu gipolisi kidasanzwe (OMON), bafise n’ibirwanisho, hamwe n’abakuru mu gipolisi benshi bambaye imyambaro ibaranga. Baciye ubwo nyene bakikuza ico kibanza, baca barahagarika iryo koraniro, ivyo babigira ata rupapuro rubibahera uruhusha bafise. Baciye bategeka abari ng’aho bose gusohoka, baca batangura kuhasaka, barafata ibitabu bishingiye kw’idini, baca batwara ku nguvu abagabo 14 mu bari ng’aho, babajana ku kirindiro c’igipolisi co ng’aho barabapfunga. Umushingwamanza yari yasabwe ngo akurikirane ivyo Vyabona bari bapfunzwe yaraje aho ku kirindiro c’igipolisi kugira ngo abafashe. Abapolisi baramusatse, baramuta hasi, bamufatirako imbugita kw’izosi, baca bamutera ubwoba bamubwira ko hamwe yokwitwara yokwibonerako be n’umuryango wiwe. Haheze nk’amasaha ane, ivyo Vyabona bararekuwe.

Nikolay Krupko yaritwaye

Nikolay Krupko, be n’ibindi Vyabona batatu bari bapfunganywe, baritwariye abo bategetsi kubera ko bari bababurabuje bariko barasenga kandi barabapfunga, ivyo vyose bakaba babigize hatisunzwe amategeko. Inyuma y’aho abagize Sentare y’akarere y’ahitwa Lyublino be n’iyo mu gisagara ca Moscou bankiye kwakira urwo rubanza, abo bagabo baciye bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri Ruheshi 2007.

Mu ngingo iyo Sentare y’Abanyaburaya yafashe ku wa 26 Ruheshi yiswe ngo Urubanza Krupko be n’abandi baburana n’Uburusiya, iyo Sentare yavuze iti: “Abagize Sentare bose berekanye ko, naho abategetsi boba batamenyeshejwe ivy’igikorane kanaka mu buryo bubereye, ariko abakirimwo bakaba batahungabanije umutekano w’abanyagihugu, mu gihugu citwa ko kirimwo demokarasi ntibikenewe ko abapolisi bashwiragiza abantu nk’abo bakoraniye hamwe mu mahoro. . . . Ivyo vyashitsweko birerekeye cane ivyabaye muri ico gikorane, kino kikaba kitariko kibera hanze ku buryo cotera akajagari, ariko rwari urubanza rw’ivy’idini ruteye iteka rwariko rubera mu ngoro iberamwo amanama ku buryo rutari guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kuba abapolisi benshi gutyo bashangashiwe, bafise n’ibirwanisho, baraje aho hantu, bafise intumbero yo guhagarika ico gikorane, hanyuma bagaca bafata bamwe mu bari aho bakabamarana amasaha atatu bapfunzwe, vyari bihushanye no gukingira umutekano w’abanyagihugu. Ivyo biguma bibonwa gutyo no mu gihe abategetsi boba babona koko yuko kuba batamenyeshejwe ivy’ico gikorane imbere y’igihe bituma gica kibonwa ko kitemewe n’amategeko.”

Iri ni irigira kane Uburusiya bukubitwa intahe mu gahanga kubera ko bwahonyanze agateka k’Ivyabona vya Yehova. Mu 2007 mu ngingo bise Urubanza Kuznetsov n’abandi baburana n’Uburusiya, Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yarerekanye ko Uburusiya bwarenze kuri ya Masezerano y’Abanyaburaya igihe abategetsi bo muri ico gihugu baburabuza igikorane c’abaragi c’Ivyabona b’ahitwa Chelyabinsk. Mu 2010, iyo Sentare y’Abanyaburaya yarakubise intahe mu gahanga Leta y’Uburusiya mu rubanza Ivyabona vya Yehova b’i Moscou baburana n’Uburusiya. Bari bayitwariye kubera ko yari yahagaritse hadakurikijwe amategeko urwego rwemewe rw’Ivyabona rw’i Moscou. Mu 2013, iyo Sentare y’Abanyaburaya mu rubanza Avilkina n’abandi baburana n’Uburusiya yaremeje ko Uburusiya bwarenze ku burenganzira umuntu afise bw’uko ivyiwe bigumizwa mw’ibanga igihe ibiro vy’umushikirizamanza wo mu gisagara ca Saint-Pétersbourg vyatanga itegeko ryo guhishura amakuru y’ibanga ajanye n’ivy’ubuvuzi yerekeye umurwayi.

Izo ngingo iyo Sentare yafashe ni ikindi kimenyamenya c’uko abategetsi bo mu Burusiya, kuba baragerageje kubuza Ivyabona vya Yehova gusenga, bahonyanze agateka kabo bahabwa n’ibiri mw’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburusiya no muri ya Masezerano y’Abanyaburaya.