Ja ku birimwo

31 MUKAKARO 2014
UBURUSIYA

Sentare y’i Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona vya Yehova ibahora ibikorwa bakora bijanye n’ugusenga

Sentare y’i Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona vya Yehova ibahora ibikorwa bakora bijanye n’ugusenga

Ku wa 30 Mukakaro 2014, Sentare yo mu gisagara ca Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona 7 muri 16 bari barengukijwe, ibahora ko batunganya amakoraniro ajanye no gusenga bakongera bakayitaba, kandi ata we bahungabanije. Bashengejwe bahorwa gusa ko barangura igikorwa kijanye n’idini nk’ico Ivyabona vya Yehova barangura kw’isi yose. Urwo rubanza rurashobora gutuma Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino mu Burusiya batakaza uburenganzira bafise mu bijanye no gusenga.

Umucamanza yari yateguye gusoma urwo rubanza ku wa 28 Mukakaro 2014, mugabo arwimurira ku musi ukurikira. Ku wa 29 Mukakaro, uwo mucamanza yamaze umusi wose asoma urubanza rwari rwaciwe rugizwe n’impapuro 100, arabandanya no mu gitondo co ku wa 30 Mukakaro. Yakatiye abakurambere b’ishengero bane umunyororo w’imyaka itanu gushika ku myaka itanu n’igice, bakongera bagatanga ihadabu y’amahera y’amarusiya 100.000 (amarundi nka 4.350.000). Yakatiye ibindi Vyabona batatu gutanga umwumwe ihadabu ry’amahera y’amarusiya 50.000 gushika ku 60.000 (amarundi nka 2.167.000 gushika ku 2.632.000). Uwo mucamanza yarakuyeho ayo mahadabu yose kubera ko gutohoza ivy’urwo rubanza no kurwumviriza vyatwaye igihe kirenze igitegekanijwe n’amategeko. Vyongeye, vyaranatumye ahagarika umunyororo bari bakatiwe. Ivyabona icenda basigaye barambitswe izera.

Uwo mucamanza yaciye urwo rubanza rwo guhagarika ibikorwa vy’Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova i Taganrog, yisunze urwo Sentare y’akarere ya Rostov yari yaraciye muri Nyakanga 2009. Naho urwo rubanza rwo mu 2009 rwari rwerekeye gusa urwego Ivyabona bakoresha imbere y’amategeko, uwo mucamanza yaremeje ko igikorwa kijanye n’idini c’Ivyabona vya Yehova bose b’i Taganrog no mu ntara zihakikije cari kibujijwe.

Muri urwo rubanza rwamaze amezi 15, bene kwagirizwa barerekanye neza ko batazoheba ukwizera kwabo be n’uko bazobandanya gusenga ari Ivyabona vya Yehova. Kuri abo bakubiswe intahe mu gahanga, umwiyemezo wabo wo kubandanya igikorwa cabo kijanye n’idini urashobora kuzotuma bapfungwa bahorwa ko basubiyemwo icaha.

Victor Zhenkov, akaba ari umwe mu bashingwamanza bagize uruhara muri urwo rubanza, yavuze ati: “Ndatinya ibishobora gushikira Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bitumwe n’urwo rubanza. Inyamiramabi z’i Taganrog no mu Burusiya hose zirashobora gufatira kuri urwo rubanza zikaremesha amasekeza yo kubandanya baburabuza no kurwanya Ivyabona vya Yehova, bakaba bashobora gupfungwa bahorwa gusa ko barangura ibikorwa bijanye n’ukwemera kwabo.”

Ivyabona b’i Taganrog bariko bararondera kwungururiza muri Sentare y’akarere ya Rostov.