Ja ku birimwo

2 RUHESHI 2014
UBURUSIYA

Urubanza rw’Ivyabona vya Yehova rurabandanya i Taganrog, mu Burusiya

Urubanza rw’Ivyabona vya Yehova rurabandanya i Taganrog, mu Burusiya

Muri Rusama 2014, urubanza rwerekeye Ivyabona vya Yehova 16 rwarabandanije muri sentare y’igisagara ca Taganrog mu Burusiya. Ni rwo rubanza rwonyene mu Burusiya aho umunyagihugu ahatwa kwihakana ukwemera kwiwe, atari ukwo na ho agahanwa. Umwe muri bo yavuze ati: “Ibaze, bashaka ngo mpinduke mere nk’abandi bose, sinje kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya. Sinzi iyo bizoherera.”

Abategetsi b’Abarusiya bariko bakoresha nabi itegeko ryo kurwanya intagondwa mu kuryerekeza ku Vyabona vya Yehova, ivyo bikaba vyararushirije gukomera kuva mu 2009. Uwitwa Victor Zhenkov, akaba aburanira ivyo Vyabona vya Yehova, avuga ati: “Nihweje ukuntu Ivyabona vya Yehova bagiye bararengutswa muri iyi myaka biraboneka neza ko inzego zijejwe kwubahiriza amategeko ziyemeje kubarwanya.” Abategetsi b’i Taganrog bobo bararenza urugero. Bafata Ivyabona vya Yehova nkaho idini ryabo ribujijwe muri ako karere, kandi bizwi neza ko kuva mu 1992 bemewe n’amategeko mu Burusiya. Intumbero y’abo bategetsi iragaragara. Umwe mu bakurikiranwa, arigana ivyamushikiye ati: “Igihe nari mu biro vy’uwariko agira amatohoza, yambwiye atarya umunwa ati: ‘Nimwasinya uru rupapuro, mukemera ko muhevye kuba Ivyabona vya Yehova, duca duhagarika urubanza rwanyu, tubareke mubone kuja iyo mushaka hose.’”

Bivanye n’ingingo izofatwa na sentare, ivyo Vyabona vya Yehova 16 bashobora kuzocibwa amande, gutegekwa gukora ibikorwa vy’agahato canke bagapfungwa. Biramutse bigenze ukwo, umwidegemvyo mu vy’ugusenga uzoba ugeramiwe mu Burusiya hose. Ni nk’aho Ivyabona vya Yehova bose bo mu Burusiya bazoba bahawe gasopo yuko bazohanwa nibaramuka bakoze ibikorwa vyabo bijanye no gusenga, naho babikora mu mahoro. Uwitwa Alyona Borodina, akaba ari uwundi mushingwamanza w’ivyo Vyabona vya Yehova, yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova bama bariko baraburabuzwa n’ubutegetsi. Abategetsi bashira ibitabu vyabo mu rutonde rw’ibitabu vy’intagondwa. Kandi iyo sentare ishinze ko igitabu kanaka ari ic’intagondwa, gica gikurwaho mu gihugu. Umwanditsi umwe ni we yivugiye ati: ‘Aho bubahuka guturira ibitabu, uburuhiro n’abantu barabaturira.’ Umwidegemvyo mu vy’ugusenga urageramiwe cane.”

Vyitezwe ko sentare izoshikiriza ingingo yayo ya nyuma muri Ruheshi 2014. Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose hamwe n’abandi bantu benshi baharanira umwidegemvyo mu vyo gusenga, bararindiriye ikizovamwo.