Ja ku birimwo

22 Ndamukiza 2014
UBURUSIYA

Abanyagihugu bo mu Burusiya bashengezwa kubera ukwizera kwabo

Abanyagihugu bo mu Burusiya bashengezwa kubera ukwizera kwabo

Ivyabona vya Yehova 16 * b’ahitwa Taganrog bariko baracirwa urubanza kubera gusa bakoraniye hamwe mu mahoro kugira basenge Imana. Ni bwo bwa mbere ivyo biba mu Burusiya. * Baramutse bakubiswe intahe mu gahanga, bazokatirwa amande y’amahera y’Amarusiya 300.000 (nk’amarundi 1.600.000) canke umunyororo ugera ku myaka umunani kuri bamwebamwe. Ivyo Vyabona 14 bahawe itegeko ryo kutarenga imbibe z’ako karere ka Taganrog gushika sentare isozereye urwo rubanza.

Agacinyizo katanguye kugirirwa Ivyabona vya Yehova i Taganrog guhera muri Ruheshi 2008, aho umushikirizamanza wo mu ntara ya Rostov yatanze ibirego bisaba ko urwego rw’i Taganrog ruserukira Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova rubuzwa. Yavuze kandi ko ibitabu bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova birimwo imvugo ishigikira ivyiyumviro vy’intagondwa. Iyo Sentare yaremeye ivyo uwo mushikirizamanza asavye, maze ku wa 8 Kigarama 2009 Sentare nkuru y’Uburusiya irashigikira iyo ngingo.

Sentare nkuru imaze gushigikira iyo ngingo, abatware bo hasi b’i Taganrog baranyaze Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’i Taganrog (ni kuvuga inyubakwa basengeramwo), bica biba ngombwa ko Ivyabona baza barasengera mu mihana y’abantu. Iyo sentare kandi yarasavye abajejwe intwaro kwongera ibitabu 34 vy’Ivyabona vya Yehova ku rutonde rw’ibitabu bishikiriza ivyiyumviro vy’intagondwa. Ivyabona vya Yehova bariyamiriza izo ngingo, ku bw’ivyo bakaba bariko baritegurira kwunguruza muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Abajejwe intwaro i Taganrog baritwaje izo ngingo mu kuburabuza Ivyabona no kubagirako iterabwoba. Mu 2011, abajejwe gushira mu ngiro amategeko barinjira mu mihana 19 y’Ivyabona nk’isaha 12 zo mu gitondo, bagakangura imiryango, harimwo n’abageze mu zabukuru be n’abana. Babigira kugira ngo basake bariko barondera ibitabu ngo bishigikira ivyiyumviro vy’intagondwa. Ivyo vyaza biramara amasaha ari hagati ya 8 na 11. Baranyaga ata gutoranya ibitabu bivuga ivy’Imana be n’ibindi bintu vyabo bwite. Abajejwe intwaro barafata amajwi n’amasanamu ku mayeri Ivyabona baba bariko barasenga, kugira ngo baronke ibirego babagiriza. Ivyo vyabaye i Taganrog vyari intango y’isekeza rishigikiwe na Leta ryo kuburabuza no gufata nabi Ivyabona vya Yehova mu Burusiya hose. *

Ivyabona vya Yehova, ni idini rizwi kw’isi yose. Ibwirizwa shingiro be n’Amasezerano y’Abanyaburaya yerekeye agateka ka zina muntu bivuga ko umuntu wese afise uburenganzira mu vyo gusenga. Sentare Nkuru zo hirya no hino kw’isi zaremeje ubwo burenganzira Ivyabona vya Yehova bafise. Yamara rero, abajejwe intwaro b’i Taganrog bifata nk’aho Ivyabona badakwiriye kwungukira kuri ubwo burenganzira.

Urwo rubanza mpanavyaha rurabandanya, ingingo izoshikwako ikaba yitezwe muri Rusama sentare imaze kwumviriza ivyiyumviro vya nyuma. Mu gihe iyo sentare yofata ingingo yo guhana vya Vyabona 16, ivyo bizokwaka umwidegemvyo Ivyabona barenge 800 biba muri Taganrog. Ivyo kandi vyoca bifatirwako mu guca imanza mpanavyaha z’Ivyabona vya Yehova mu zindi ntara z’Uburusiya.

Grigory Martynov, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya, yavuze ati: “Ntivyari ngombwa ko Leta iburabuza umwidegemvyo mu vyo gusenga. Nta kaga na kamwe Ivyabona vya Yehova bateye ku mutekano n’amahoro vy’Uburusiya. Nta kindi Ivyabona vya Yehova bahorwa atari idini ryabo gusa.

^ ing. 2 Iyo foto iri aho haruguru yerekana 10 gusa muri abo 16.

^ ing. 2 Abajejwe intwaro bo mu Burusiya bareze ivyo Vyabona 16 mu 2012 bisunze ingingo ya 282, akace ka 2, akarongo ka 1 n’aka 2 k’amategeko mpanavyaha y’Uburusiya, iyishobora gutuma umuntu apfungwa gushika ku myaka itatu. Abakurambere b’ishengero bane na bo nyene baraciriwe urubanza hisunzwe ingingo ya 150 agace ka 4 k’itegeko mpanavyaha, iyishobora gutuma umuntu apfungwa kuva ku myaka 5 gushika ku myaka 8.

^ ing. 5 Kuva aho iyo ngingo ya Sentare nkuru y’Uburusiya ifatiwe ku wa 8 Kigarama 2009, abajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amategeko barahagaritse Ivyabona barenga 1.600, barabuza ibitabu vyabo bivuga ivy’Imana birenga 70, ngo birimwo ivyiyumviro bishigikira intagondwa, baraja gusaka imihana y’Ivyabona be n’aho basengera harenga 171, bongera barababurabuza incuro 69 bariko barasenga.