Ja ku birimwo

11 MUNYONYO 2014
UBURUSIYA

Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiye kwumviriza urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Samara

Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiye kwumviriza urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Samara

Ku wa 8 Gitugutu 2014, ni ho Sentare nkuru yatangura kwumviriza urubanza rujanye no gufuta ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova b’i Samara. Kuri uwo musi, abamenyeshamakuru, abaserukiye ibihugu vyabo be n’Ivyabona batari bake bari basidukanye n’iyonka. Bari mu kibanza kinini Sentare yari yategekanije. Ariko hamaze kwihwezwa amategeko agenga iburanishwa ry’imanza, Sentare yaciye imenyesha ko urubanza rwungururijwe ku wa 12 Munyonyo 2014.

Vasiliy Kalin, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya, yavuze ati: “Turizigiye ko Sentare nkuru y’Uburusiya izokwanka ivyasabwe n’umushikirizamanza kugira ikurikize ubutungane kandi yubahirize ibiranga igihugu kiri muri demokrasi nk’uko biri mw’ibwirizwa-shingiro.” Ivyabona vya Yehova barizigiye ko iyo Sentare izokingira umwidegemvyo w’ugusenga nk’uko biri mw’ibwirizwa-shingiro ry’Uburusiya.