Ja ku birimwo

4 MUKAKARO 2014
UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova baburana i Taganrog

Ivyabona vya Yehova baburana i Taganrog

Sentare mpanavyaha iburanisha Ivyabona vya Yehova 16 b’i Taganrog mu Burusiya irabandanya gusasa no muri Mukakaro 2014, ubu hakaba haciye umwaka n’amezi abiri urwo rubanza rutanguye. Muri urwo rubanza, sentare yarihweje amavidewo arenga 60 yiswe ko ari ibimenyamenya, ano akaba ahanini yari agizwe n’abantu bariko bariga Ijambo ry’Imana, abantu bariko barasenga be n’abariko barasoma Bibiliya. Ivyo ni ibintu Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose basanzwe bakora.

Ivyo Vyabona be n’abandi 800 b’i Taganrog barahakwa kwakwa uburenganzira bwo gusenga. Ivyo Vyabona bose uko ari 16 bariyemereye ko batarota badohoka ku kwizera kwabo kandi ko bazoguma ari Ivyabona vya Yehova naho ingingo yofatwa yoba imeze gute.

Iyi videwo irerekana bamwebamwe muri ivyo Vyabona be n’abashingwamanza babo bari mu rugamba rwo kugumana umwidegemvyo wo gusenga naho bariko baragirizwa icaha ku karenganyo; uwo mwidegemvyo barawuha agaciro cane.