Ja ku birimwo

10 NDAMUKIZA 2015
UBURUSIYA

Yatoye igifovya c’amahera aca ayasubiza nyeneyo

Yatoye igifovya c’amahera aca ayasubiza nyeneyo

MU BURUSIYA: Muri Munyonyo 2014, Icabona ca Yehova yitwa Svetlana Nemchinova yaratoye mw’ibarabara ibahasha yarimwo amahera y’amanyaburaya 6.000, nk’amarundi arenga imiliyoni 10. Amaze igihe kitari gito arondera nyeneyo, yahavuye amutora arayamusubiza. Ico gikorwa kiranga umutima mwiza caravuzwe ku maradiyo, ku mateleviziyo, eka no mu bimenyeshamakuru bitari bike vyo kuri internet.

Uwo mukenyezi asanzwe akora akazi ko gusukura amabarabara y’igisagara ca Vologda, kiri nko ku bilometero 450 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru w’Uburusiya. Ari kuri ico gikorwa ciwe, yagiye abona ibahasha. Aravye muri yo, abona igifovya c’amahera. Naho we n’abana biwe batatu babayeho mu bukene, yavuze ati: “N’iciyumviro co kuyagumana nticigeze kinzamwo. Nkiyabona gusa, naciye ntangura kwiyumvira ingene nyeneyo yataye umutwe.”

Mu kurondeza nyene ayo mahera, yabanje gushira amatangazo ku nyubakwa zari muri iyo micungararo. Abonye ko ata kivuyemwo, yaciye ajana nya mahera kuri banki yari ihegereye kuko muri nya bahasha harimwo iresi yanditseko izina ry’iyo banki. Iyo banki yaciye imenya ko nyene ayo mahera ari uwitwa Pavel Smirnov. Iyo banki imaze kumurondera akatari gake, yahavuye imutora, imumenyesha ko hari uwatoye amahera yiwe.

Ikimenyeshamakuru kimwe co mu Burusiya, cavuze giti: “Svetlana abona ko ico yakoze ari ikintu gisanzwe. Ni umuntu akunda Imana kandi yama asoma Bibiliya.” Yabwiye kandi ico kinyamakuru ko ivyo yakoze yabikoze kubera ko akurikiza igikunze kwitwa Itegeko ry’agakura riri muri Matayo 7:12, rikaba rigira riti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”

Ifoto ya Pavel Smirnov na Svetlana Nemchinova amaze kumusubiza amahera yiwe.

Nyene ayo mahera, asanzwe ari umuhinga mu gucapa, akaba yaranatanguje uburyo bushasha bwo kuvanga amarangi akoreshwa mu gucapa. Yari yaraziganije ayo mahera kugira agure ibikoresho bihanitse vyomufasha mu kugira ubushakashatsi. Yavuze ati: “Nta majambo noronka yo gushimira Svetlana. Ico kintu yakoze catumye nsubira kwizigira abantu. Kimwe gusa novuga: ‘Imana irabaho!’”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Burusiya: Yaroslav Sivulskiy, tél. +7 812 702 2691