Ja ku birimwo

Ingoro y’amateraniro y’i Tiachiv muri Ukraine, yateguwe kugira bayakiriremwo impunzi

8 NTWARANTE 2022
UKRAINE

AMAKURU AGEZWEHO YA 1 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

AMAKURU AGEZWEHO YA 1 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Abavukanyi na bashiki bacu bo bisagara vya Mariupol, Kharkiv, Hostomel hamwe n’ibindi bariko barashikirwa n’ibihe bitoroshe kubera ibitero vy’amabombe bibandanya muri Ukraine. Bamwe baramaze indwi bidakunda ko bava aho bari canke aho bari bikinze ivyo bibombe. Nta bifungurwa bikwiye bafise kandi umuyagankuba, internet n’amarezo ya telefone ntibiriko bikora neza. Ivyo bituma guhanahana amakuru n’abandi bavukanyi bibagora.

Ikibabaje, umuvukanyi Dmytro Rozdorskyi w’imyaka 28, akaba yari umukurambere w’i Myrnohrad yarapfuye. Yari yakomeretse cane bivuye kuri mine yahonyoye. Turashira mu masengesho ababuze ababo hamwe n’abavukanyi na bashiki bacu bari mu turere turiko tuberamwo ivyo bitero vy’amabombe.​—2 Abatesalonika 3:1.

Ingoro y’Ubwami iri mu gisagara ca Ovruch muri Ukraine, yarononekaye cane kubera ibibombe

Gushika ku wa 7 Ntwarante 2022, amakuru akurikira ni yo twari dufise ku bijanye na Ukraine:

Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Abamamaji 2 bari bamaze gupfa

  • Abamamaji 8 barakomeretse

  • Abamamaji 20.617 barataye izabo, bahungira mu tundi turere two mu gihugu dutekanye

  • Inzu 25 zarasambutse

  • Inzu 29 zarononekaye cane

  • Inzu 173 zarononekaye bibayabaye

  • Ingoro z’Ubwami 5 zarononekaye

Ibijanye no gutabara

  • Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27

  • Abamamaji 6.548 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye

  • Abamamaji 7.008 barahungiye mu bindi bihugu kandi bariko bitwararikwa n’abandi bavukanyi bagenzi babo

  • Ingoro y’amateraniro 1 hamwe n’Ingoro z’Ubwami hafi 30 zo mu burengero bwa Ukraine, nk’iziri i Chernevtsi, Ivano-Frankivsk, Lviv no mu turere twa Transcarpatie, zarategekanijwe kugira zakire impunzi