Ja ku birimwo

Mushiki wacu Olena ari imbere y’inzu yiwe yasambuwe n’urubombe rwaturitse. Abavukanyi na bashiki bacu baraje kumufasha badatebaganye

4 MUKAKARO 2022
UKRAINE

AMAKURU AGEZWEHO YA #10 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Abakurambere “bagaragaza umutima rugabo, bitwararikana kandi b’abizigirwa”

AMAKURU AGEZWEHO YA #10 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Ukraine ntibigeze bareka kwitwararikana. Barabandanya kugaragarizanya urukundo ruzira ubwikunzi.

Mushiki wacu yitwa Olena afise imyaka 81. Ku wa 6 Ruheshi, hari urubombe rwaturikiye hafi y’inzu yiwe. Urwo rubombe rwarasambuye inzu y’umubanyi wiwe rwongera ruhasiga ikinogo c’imetero indwi. Ico kibombe catumye inzu ya mushiki wacu Olena yononekara cane.

Avuga ati: “Nari ndyamye nca numva uruhome rukorokeye hafi y’umutwe wanje. Haciye huzura umukungugu mwinshi. Ibiyo vyamenaguritse hamwe n’amabuye vyaciye bisanzara hose. Narashimiye Yehova kuba nari nkiri muzima.” Haheze iminota mike urwo rubombe ruturitse, abavukanyi na bashiki bacu baciye baza kuraba mushiki wacu Olena, harimwo umuvukanyi inzu yiwe na yo nyene yari yononekaye cane. Mushiki wacu Olena abandanya ati: “Igihe abavukanyi bashika, barumiwe ku buryo babura ico bavuga. Narakozwe ku mutima no kubabona. Nararyohewe kuba barambaye hafi.”

Serhii, ni umukurambere akunda kugendera mushiki wacu Olena ari kumwe n’abandi bakiri bato bo mw’ishengero, avuga ati: “Igihe namenya ko ikibombe caturikiye hafi y’inzu ya Olena, naragize ubwoba nongera ndahagarika umutima. Numvise ntekanye igihe nabona ko atari yakomeretse cane. Igitangaje, ikintu ca mbere mushiki wacu Olena yasavye inyuma y’aho inzu yiwe ibomokeye, vyari ibitabu bishingiye kuri Bibiliya yari aherutse kuronka.”

Igishimishije, incuti ziwe zaramuronkeye inzu nshasha. Abagize ishengero barabandanya kumufasha, abakurambere na bo baramubaza amakuru buri musi. Abavukanyi na bashiki bacu baramuronkeje utwuma tumufasha kwumva kugira yungukire ku makoraniro y’ishengero. Mushiki wacu Olena avuga ati: “Rimwe na rimwe ndumva ncitse intege, ariko amakoraniro aratuma ndonka inkomezi. Abavukanyi banje baranterefona kenshi kandi ndabikenguruka cane.”

Umugabo umwe n’umugore wiwe baravuze ivyabashikiye igihe bari mu nzu yo mu kuzimu y’Ingoro y’Ubwami bari kumwe n’abandi bamamaji barenga 200. Uwo mugore yanditse ati: “Narakozwe ku mutima cane n’ukuntu abakurambere batugaragarije urukundo mu kutwitwararika. Banyibukije ingene Dawidi yahatswe gupfa ariko arwana n’intare be n’idubu kugira akingire intama. Abo bakurambere twari kumwe mu nzu yo mu kuzimu barashira ubuzima bwabo mu kaga kugira turonke ibifungurwa, amazi n’igitoro kidufasha kuronka umuco. Kuba twarashoboye kugira amakoraniro y’ishengero hamwe n’ayo gusohoka mu ndimiro tubikesha abo bakurambere. Mbere n’igihe baba bariko baratera amabombe, abo bakurambere bama baja kuraba abavukanyi na bashiki bacu bagumye mu mazu yabo, bakabashira ibifungurwa, amazi kandi bakabaremesha. Ndubaha cane abo bakurambere. Imbere y’intambara, nababona nk’abigisha hamwe n’abamamaji, ariko ubu ndababona nk’abungere dushobora kwizigira. Ndakengurukira cane abo bakurambere bagaragaza umutima rugabo, bitwararikana kandi b’abizigirwa!”

Abamamaji bo mw’ishengero rimwe ryo muri Ukraine barandikiye ishami ryo muri Ukraine ku bijanye n’abavukanyi bahagarikiye ibikorwa vyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Bavuze bati: “Turabakengurukira cane bimwe bivuye ku mutima. Turatangazwa n’ukuntu Yehova atwitwararika biciye ku bavukanyi bacu. Twariboneye ukuri kw’amajambo ya Yezu agira ati: ‘Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.’”​—Yohani 13:35.

Gushika ku wa 21 Ruheshi 2022, amakuru akurikira ni yo twari dufise ku bijanye na Ukraine. Ibi bitigiri vyatanzwe n’abavukanyi bo muri ico gihugu. Yamara, ibitigiri vya vuba bishobora kuba ari vyinshi kuruta kubera ko bigoye guhanahana amakuru n’abari mu turere twose tw’ico gihugu.

Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Abamamaji 42 baramaze gupfa

  • Abamamaji 83 barakomeretse

  • Abamamaji 31.185 barataye izabo

  • Inzu 495 zarasambutse

  • Inzu 557 zarononekaye cane

  • Inzu 1.429 zarononekaye bibayabaye

  • Ingoro z’Ubwami 5 zarasambutse

  • Ingoro z’Ubwami 8 zarononekaye cane

  • Ingoro z’Ubwami 34 zarononekaye bibayabaye

Ibijanye no gutabara

  • Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27

  • Abamamaji 52.348 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye

  • Abamamaji 23.433 barahungiye mu bindi bihugu kandi bariko bitwararikwa n’abandi bavukanyi bagenzi babo