16 NTWARANTE 2022
UKRAINE
AMAKURU AGEZWEHO YA 3 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine
Turi n’umubabaro wo kubamenyesha ko hari bashiki bacu babiri biciwe mu gitero c’amabombe cabereye mu gisagara ca Mariupol. Ubu, hari abavukanyi barenga 2.000 bidakunda ko bahunga ico gisagara kubera hariko harabera intambara ikomeye. Mu misi mikeyi iheze, Ivyabona nka 150 barashoboye guhunga. Abavukanyi bakorera mu Makomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago baragerageje gutwara imfashanyo i Mariupol, ariko babwirije gusubira inyuma kubera ko abasoda bateye imiduga yabo hamwe n’iy’abandi bari baje gutabara abantu. Hari ibombe yaturikiye mu kibanza kirimwo Ingoro y’Ubwami n’Ingoro y’amateraniro. Muri uwo mwanya, hari abavukanyi na bashiki bacu bashika ku 200 bari bahungiye mu nzu yo mu kuzimu y’iyo Ngoro y’Ubwami. Abo bavukanyi ntaco babaye, ariko imiduga yabo yarononekaye, bikaba vyaciye bibagora cane kuva muri ico gisagara.
Umukurambere (ari kw’ifoto iri aho hepfo) yashoboye kuva i Mariupol ari kumwe n’umuryango wiwe, avuga ati: “Twaratakaje inzu yacu n’akazi twakora, turabura n’ingene duhanahana amakuru n’abagenzi bacu. Urugendo twari kugira umusi umwe, rwamaze imisi itandatu. Igihe twari mu muduga [turiko turava muri ico gisagara], twarabonye ibombe itaraturika iriko iravamwo umwotsi mw’ibarabara. Muri urwo rugendo twagize, abavukanyi bacu baradufashije kuronka aho dukika umusaya n’ibifungurwa. Twariboneye ingene Umuvyeyi wacu Yehova atwitwararika . . . Ivyo vyatumye twizigira Yehova duherejeko.”
Ivyabona bahunze bava muri Ukraine bararondeye ubuhungiro mu bihugu bitandukanye vy’i Buraya. Nk’akarorero, umukozi w’ishengero ari kumwe n’umugore wiwe be n’abana babo batatu b’imyaka 7, 11, na 16, barahungiye muri Portigale aho bari bafise incuti z’Ivyabona vya Yehova. Abagize uwo muryango bamaze amasaha 11 barindiriye kujabuka umupaka. Inyuma y’aho, baragize urugendo rw’ibilometero 4.000 mu misi ine kugira bashikire umuhana w’izo ncuti zabo. Bashitse bagira batangure ikoraniro. Naho badatahura igiportigale, abagize uwo muryango barabandanya gusenga Yehova no kwitaba amakoraniro. Abagize ishengero barakozwe ku mutima n’ukuntu uwo muryango ugumana umunezero naho bari mu ngorane.
Uwundi mushiki wacu yahungiye mu Budagi ari kumwe n’umuryango wiwe, avuga ati: “Gusoma Bibiliya, kubona ibintu mu buryo bwiza no kuzirikana ku cizigiro ciza dufise biraduha inkomezi nyinshi kandi bikaturemesha. . . . Twariboneye ingene Yehova atuyobora akongera akadufasha biciye ku bavukanyi bacu. Baratwakiriye neza bongera baradufasha igihe twari muri Ukraine, muri Hongiriya n’ubu turi mu Budagi!”
Biragaragara ko Yehova ariko arashigikira abavukanyi na bashiki bacu bo muri Ukraine.—Zaburi 145:14.
Gushika ku wa 16 Ntwarante 2022, amakuru akurikira ni yo twari dufise ku bijanye na Ukraine. Ibi bitigiri vyatanzwe n’abavukanyi bo muri ico gihugu. Yamara, ibitigiri vya vuba bishobora kuba ari vyinshi kuruta kubera ko bigoye guhanahana amakuru n’abari mu turere twose tw’ico gihugu:
Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu
Abamamaji 4 bari bamaze gupfa
Abamamaji 19 barakomeretse
Abamamaji 29.789 barataye izabo, bahungira mu tundi turere two mu gihugu dutekanye
Inzu 45 zarasambutse
Inzu 84 zarononekaye cane
Inzu 366 zarononekaye bibayabaye
Ingoro z’Ubwami 16 zarononekaye
Ibijanye no gutabara
Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27
Abamamaji 20.981 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye
Abamamaji 11.973 barahungiye mu bindi bihugu kandi bariko bitwararikwa n’abandi bavukanyi bagenzi babo