Ja ku birimwo

Ibubamfu: Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Ukraine bariko barapakira mu modoka amakarato y’imfashanyo ivuye muri Polonye kugira ije gutangwa. Iburyo: Inzu y’umuvukanyi umwe i Hostomel yarasambuwe n’igisasu

13 NDAMUKIZA 2022
UKRAINE

AMAKURU AGEZWEHO YA 6 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

AMAKURU AGEZWEHO YA 6 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Birababaje kubona hari abandi bavukanyi na bashiki bacu babandanya kuhasiga ubuzima kubera intambara iriko ibera muri Ukraine. Ivyabona vya Yehova 28 baramaze kuhasiga ubuzima.

Nk’uko vyavuzwe mu makuru, mu ndwi za mbere iyo ntambara itanguye, ibisagara vyegereye Kiev ni vyo vyasinzikaye cane. Ku bamamaji bababa 4.900 baba muri ako karere, abarenga 3.500 ni bo bamaze guhungira mu turere dutekanye.

Ibintu bikurikira vyabaye birerekana ukuntu ukwizera kw’abavukanyi bo muri ako karere kwagumye kutanyiganyiga naho bari mu bigeragezo bikomeye.

Oleksandr, umukurambere wo mu gisagara ca Makariv, yahungiye mu karere gatekanye ko hagati muri Ukraine. Ariko kubera ko yari arajwe ishinga n’abamamaji bane bari mu murwi wiwe wo gusohoka mu ndimiro, bikaba bitakunda ko bahanahana amakuru, yarasubiye muri ka karere kariko kaberamwo intambara kubarondera. Yavuze ati: “Naratahuye ko kuri Yehova, abasavyi biwe ari ab’agaciro kuruta. . . . Igihe nashika ku muhana w’umwe muri abo bamamaji, nasanze barahateye ibibombe. Umuryango w’inyubakwa yo mu kuzimu wari wugaye, kandi nta n’umwe yitaba. Vyaranteye ubwoba.” Oleksandr yarinjiye mu muryango w’iyo nyubakwa yo mu kuzimu maze ahasanga umugwi w’abantu, bakaba bari bamushinze ijisho. Yasanze harimwo ba bamamaji, hamwe n’ababanyi babo batari Ivyabona binyegeje hamwe.

Yaroslav n’umukenyezi wiwe (hagati) hamwe na Oleksandr n’umukenyezi wiwe bariko barasangira udufungurwa aho bashikiye mu karere gatekanye

Umwe muri abo bamamaji yitwa Yaroslav, yavuze ko bari bamaze imisi umunani bari aho hantu. Yavuze ati: “Umwe wese muri twebwe yaronka gusa ibisuguti nka bingahe n’ikirahuri c’amazi buri musi. Ariko twarasoma Bibiliya n’ibitabu vyacu, tugasenga tukongera tukaremeshanya. Igihe numva Oleksandr ampamagaye, niyumviriye ko ari abasoda baje kumfata. Niyumviriye ko nari ngiye gupfa. . . . [Ariko,] yaraturokoye twese. Turakengurukira Yehova ku bw’umuryango mwiza w’abavukanyi na bashiki bacu badusengera, mbere bakanahakwa kuhasiga ubuzima kugira badutabare.”

Pylyp

Pylyp hamwe n’uwundi muvukanyi bafashe ingingo yo gushira ibifungurwa abagumye mu gisagara ca Borodianka. Kw’itariki 17 Ntwarante, igihe bari mu muduga baja muri ico gisagara, abasoda barafashe umuduga wa Pylyp baratwara n’ibifungurwa vyarimwo. Mu nyuma abo basoda baciye bahagarika abo bavukanyi, barabambika amapingu, barabapfuka mu maso bongera babatwara mu kumba gatoya ko mu nzu yo mu kuzimu ahari abandi bagabo indwi. Haciye imisi ibiri, barimuriwe mu gasho aho ababacunga babakubaguriye muri iryo joro. Pylyp yavuze ati: “Sinari nzi ko nza kurokoka. Narasenze kugira ngume ndi umwizigirwa.”

Igihe kimwe ariko arakubitwa, Pylyp yaciye asenga n’ijwi ryumvikana asabira bashiki bacu bitereye mu myaka batagira ibifungurwa, asaba ko n’umuryango wiwe wokingirwa yongera akengurukira Yehova ku myaka amaze amukorera ahimbawe. Uwacunga ako gasho yaramusubije aho yari apfungiwe, aho yabandanirije gusenga asaba ko abo basoda botahura ko abavukanyi badateye akaga. Abo bavukanyi uko ari babiri baciye batangura kubwira inkuru nziza abo barinzi b’ibohero. Mu misi ibiri bari bamaze kwamamaza kuri abo barinzi b’ibohero bose. Vyongeye, umwe mu bagabo bari bapfunzwe yaragaragaje ko ashimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Yarashimiye abo bavukanyi. Itariki 27 Ntwarante, abo bavukanyi n’uwo mugabo yerekanye ugushimishwa bararekuwe.

Svitlana, mushiki wacu w’umwirebange wo muri Bucha, yaramaze indwi zibiri adashobora guhunga ngo ave mu karere karimwo intambara. Yavuze ati: “Ubu kuruta ikindi gihe, ndatahura ko amahoro Yehova andonsa akomeye. Kuronka amahoro ava ku Mana ntibisigura ko twama tumenya ico turi bukore. Ariko igihe tutabona umuti w’ingorane, turiheka kuri Yehova duherejeko.”

Igihe Svitlana yariko araja mu karere gatekanye ko muri Ukraine, yarabwiye inkuru nziza umugore umwe n’umusengezana wiwe. Bose bashitse muri ako karere gatekanye barakiriwe n’umuryango w’Ivyabona vya Yehova. Uwo muryango warahaye indaro Svitlana n’uwo mugore n’umusengezana wiwe muri iryo joro. Bukeye, uwo mugore yarasavye kwitaba ikoraniro, arasaba na Bibiliya be n’igitabu. Svitlana arabandanya kuganira na we.

Gushika ku wa 12 Ndamukiza 2022, amakuru akurikira ni yo twari dufise ku bijanye na Ukraine. Ibi bitigiri vyatanzwe n’abavukanyi bo muri ico gihugu. Yamara, ibitigiri vy’ukuri bishobora kuba ari vyinshi kuruta, kubera ko bigoye guhanahana amakuru n’abari mu turere twose tw’ico gihugu.

Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Abamamaji 28 baramaze gupfa

  • Abamamaji 48 barakomeretse

  • Abamamaji 40.778 barataye izabo, bahungira mu tundi turere two mu gihugu dutekanye

  • Inzu 278 zarasambutse

  • Inzu 268 zarononekaye cane

  • Inzu 746 zarononekaye bibayabaye

  • Ingoro y’Ubwami 1 yarasambutse

  • Ingoro z’Ubwami 9 zarononekaye cane

  • Ingoro z’Ubwami 26 zarononekaye bibayabaye

Ibijanye no gutabara

  • Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27

  • Abamamaji 41.974 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye

  • Abamamaji 18.097 barahungiye mu bindi bihugu kandi bariko bitwararikwa n’abandi bavukanyi bagenzi babo