Ja ku birimwo

Icibutso cabereye ku Ngoro y’Ubwami i Lviv, aho abavukanyi na bashiki bacu nka 60 bahungiye

29 NDAMUKIZA 2022
UKRAINE

AMAKURU AGEZWEHO YA 7 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Abantu barenga 210.000 baritavye Icibutso

AMAKURU AGEZWEHO YA 7 | Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Turahimbawe no kubamenyesha ko Yehova yahezagiye abasavyi biwe bo muri Ukraine kugira bishoboke ko abavukanyi na bashiki bacu bo mu gihugu bitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Ingoro z’Ubwami nyinshi zo mu burengero bwa Ukraine zarakoreshejwe kugira abavukanyi na bashiki bacu bahunze bitabe Icibutso. Abavukanyi benshi bahimbaje Icibutso mu migwi mitomito, abo bitakunda ko bava mu mihana yabo na bo bagihimbaza biciye kuri vidéoconférence.

Abavukanyi na bashiki bacu bitavye Icibutso mu nzu yo mu kuzimu i Kharkiv

Mu bice vyinshi vy’igihugu, harumvikanye ingunga ku musi w’Icibutso. Bumaze kugoroba, urwamo rw’ingunga rwaraheze. Uwitwa Sherhiy wo muri Druzhkivka mu karere ka Donetsk avuga ati: “Twari twamye dusenga cane dusaba ko tutohagarika Icibutso kubera amabombe. Gatoyi imbere y’uko Icibutso gitangura, amabombe ntiyasubiye guturagurika, n’urwamo rw’ingunga rwaraheze.”

Hari abamamaji bageze mu zabukuru n’abamugaye bari i Nemishaeve hafi ya Kyiv, bari bamaze ukwezi kurenga bidakunda ko bitaba amakoraniro. Baguma basenga kugira bashobore kwitaba Icibutso. Umukurambere umwe yitwa Vitaliy yarafashije abo bamamaji guhimbaza Icibutso. Avuga ati: “Nta muyagankuba wari uhari. Rero twitavye Icibutso dukoresheje itoroshi. Nta vyuma bitanga ubushuhe vyakora. Nta muziki twari dufise, rero umukobwa wanje yaciye avuza icuma citwa violon kugira dushobore kuririmba.”

Umukurambere yitwa Oleksandr aba mu karere karimwo intambara yavuze ati: “Mw’isekeza ryo gutumira abantu ku Cibutso, ntitwashobora kwandikira abantu bari mu cibare c’ishengero kubera ko amazu yari yarononywe n’amabombe, bakaba batari bakiyabamwo. Ku bw’ivyo, twaciye dutumira incuti, abo twahuriye mu nzu zo mu kuzimu, be n’abantu twahungiye hamwe. Benshi mu bo twahuye ntibari bwigere bumva Ivyabona. Benshi muri bo baritavye Icibutso.”

Umugabo n’umugore bo muri Ukraine bitavye Icibutso bakoresheje amabuji kubera ata muyagankuba wari uhari. Kugira bashire umuriro muri telefone yabo, bakoresheje imashini itanga umuyagankuba yo mu gasagara ko hafi yabo

Naho igitigiri nyezina c’abitavye Icibutso mu mashengero yose yo muri Ukraine kitaramenyekana, turamaze kumenya ko abantu barenga 210.000 bitavye Icibutso.

Umuvukanyi umwe yaravuze ukuntu yiyumva ku bijanye n’Icibutso, ati: “Iyo abasozabwato babonye umuco baca bamenya ko begereje ku nkengera. Muri ubwo buryo nyene, kwitaba Icibutso vyarampumurije ko umusi wa Yehova uri hafi. Icibutso c’uwu mwaka caratumye ndushiriza kujijuka ko iherezo riri hafi.”

Gushika ku wa 21 Ndamukiza 2022, amakuru akurikira ni yo twari dufise ku bijanye na Ukraine. Ibi bitigiri vyatanzwe n’abavukanyi bo muri ico gihugu. Yamara, ibitigiri vya vuba bishobora kuba ari vyinshi kuruta kubera ko bigoye guhanahana amakuru n’abari mu turere twose tw’ico gihugu.

Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Abamamaji 35 baramaze gupfa

  • Abamamaji 60 barakomeretse

  • Abamamaji 43.792 barataye izabo, bahungira mu tundi turere two mu gihugu dutekanye

  • Inzu 374 zarasambutse

  • Inzu 347 zarononekaye cane

  • Inzu 874 zarononekaye bibayabaye

  • Ingoro y’Ubwami 1 yarasambutse

  • Ingoro z’Ubwami 10 zarononekaye cane

  • Ingoro z’Ubwami 27 zarononekaye bibayabaye

Ibijanye no gutabara

  • Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27

  • Abantu 44.971 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye

  • Abamamaji 19.961 barahungiye mu bindi bihugu kandi bariko bitwararikwa n’abandi bavukanyi bagenzi babo