27 NDAMUKIZA 2022
UKRAINE
Abavukanyi babigiranye umutima rugabo, baratanga imfashanyo mu karere karimwo indwano muri Ukraine
Ivyabona vya Yehova ibihumbi baracari mu turere turimwo indwano muri Ukraine, iyatanguye ku wa 24 Ruhuhuma 2022. Hari abavukanyi 21 bo mu turere twa Kremenchuk na Poltava two muri Ukraine bariko baragaragariza urukundo abavukanyi na bashiki babo mu kuja mu turere turimwo intambara kugira bafashe abo basangiye ukwizera bongere babaronse ivyo bakeneye.
Abo bavukanyi baragira ingendo nka 80 mu ndwi zitandatu. Rero baramaze kugenda nk’ibilometero 50.000 mu turere dukazemwo intambara nka Kharkiv, maze barafasha abavukanyi na bashiki bacu hafi 400.
Gushika ubu, baramaze gutanga amatoni 23 y’imfungurwa, imiti, igitoro n’ibindi vya nkenerwa. Imbere yo kugira urugendo, abo bavukanyi barasuzuma kw’ikarata bitonze amabarabara atarimwo akaga, bakirinda uturere tuba turiko turaberamwo intambara. Urugendo rumwe rurashobora kumara amasaha 19 kubera ko abo bavukanyi bagenda barahagarara ku bituro vy’abasoda kugira basuzume imodoka zabo.
Bariko baragenda, indege z’intambara ziguma zica hejuru yabo. Abo bavukanyi bagenda barabona amazu yasambuwe n’ibibombe, hamwe n’ibisigarira vy’amaburende n’imiduga. Hari igihe bumva isi inyiganyiga kubera amabombe aturikira hafi y’aho baba bari.
Ku wa 2 Ndamukiza 2022, Roman yariko aritegurira kuja guha ivya nkenerwa abavukanyi na bashiki bacu b’i Kharkiv, igihe hatangura guterwa amabombe menshi mw’ibarabara. Yaciye ahungira mu nzu yari hafi. Inyuma y’iminota 30, yasanze ibarabara yari gucamwo ryononekaye kubera amabombe.
Umwe mu bashoferi bitanga yitwa Volodymyr, yaravuze ico bakora muri ivyo bihe bitoroshe, ati: “Twama dusenga Yehova tumusaba ubukerebutsi kugira dufate ingingo nziza.”
Oleksandr n’umugore wiwe Valentyna bahora baba i Kharkiv, hamwe n’abavyeyi bitereye mu myaka ba Oleksandr. Igihe intambara yari ikaze, bacishije mw’idirisha ry’inzu yabo, barashobora kubona amabombe aturikira nko ku metero 100. Uwo muryango ntiwashobora guhunga kubera ata modoka bari bafise.
Rero abavukanyi baraje kubafasha guhunga. Oleksandr avuga ati: “Twarasenze Yehova tumushimira kubera abo bavukanyi baje kudufasha.”
Vasyl n’umugore wiwe Natalia n’abana babo batatu bamaze imisi myinshi binyegeje mu nzu yo mu kuzimu y’inzu yabo. Ku wa 29 Ruhuhuma 2022, ibombe yaraturitse hafi y’iyo nzu bari binyegejemwo. Ico kibombe carononye inzu yabo. Vasyl aribuka ukuntu bumvise urwamo rumena amatwi rw’ico kibombe n’ukuntu amatara yaciye acika muri iyo nzu yo mu kuzimu bari binyegejemwo.
Igihe intambara yahagarara gato, uwo muryango waciye wimukira mu yindi nzu yo mu kuzimu yari mu nzu yo hafi yabo. Ku wa 3 Ntwarante 2022, abavukanyi baratoye uwo muryango babatwara mu karere gatekanye mu gihugu.
Vasyl aravuga ingene yumvise amerewe igihe umuryango wiwe washika mu karere gatekanye. Avuga ati: “Turakengurukira cane Yehova. Inyuma y’iyo ndwi yatubereye nk’umwaka, twarashoboye gufungura mu mahoro ari ryo rya mbere, tutarajwe ishinga n’umutekano w’abana bacu.”
Umwe mu bashoferi yitwa Oleksandr avuga ko ico gikorwa co gutabara kigaragaza ko abasavyi ba Yehova bunze ubumwe. Avuga ati: “Vyaramfashije kubona ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe. Ndahimbarwa cane no kubona ingene abavukanyi na bashiki bacu bakenguruka.”
Turakengurukiye cane abo bavukanyi bacu b’umutima rugabo. Dusaba ko Yehova yohezagira agatima kabo ko kwitanga.—Abaroma 12:10.