Ja ku birimwo

Abavukanyi bacu b’i Kharkiv muri Ukraine bikinze amabombe

3 NTWARANTE 2022
UKRAINE

Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Abavukanyi baguma bagaragaza urukundo mu kiringo c’intambara muri Ukraine

Ku wa 24 Ruhuhuma 2022, Uburusiya bwarateye Ukraine. Muri Ukraine, hari Ivyabona vya Yehova barenga 129.000 hamwe n’abana babo. Ibiro vy’ishami vyaratunganije Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27 kugira baronse imfashanyo abavukanyi bacu. Vyongeye, abavukanyi na bashiki bacu bariko baragaragarizanya urukundo mu gufashanya mu vy’umubiri no mu kuremeshanya muri iki kiringo c’intambara. Kandi ivyo barabigirira n’ababanyi babo.

Naho abavukanyi na bashiki bacu batari bake bagumye mu gihugu, hari abahisemwo guhunga. Abariko barahunga vyasavye ko batonda imirongo miremire, imwe ikaba yareha ibirometero 30. Vyabaye ngombwa ko barindira imisi itatu canke ine kugira bajabuke. Abamamaji b’aho bararondeye abavukanyi bagenzi babo batonze ku mirongo kugira babaronse ibifungurwa, amazi hamwe n’ibindi bari bakeneye. Amaherezo igihe bajabuka imbibe bakaja mu bihugu bibanyi, bakiriwe n’abandi bavukanyi bafise ivyapa vyanditseko jw.org. Barabaronkeje indemesho hamwe n’ibindi bintu bari bakeneye.

Bashiki bacu bo muri Polonye (i bubamfu) n’abo muri Slovakiya (i buryo) barindiriye abavukanyi bahunze bava muri Ukraine kugira babaronse ivyo bakeneye

Ingaruka ico gitero kiriko kiragira ku bavukanyi na bashiki bacu

  • Umuvukanyi w’umuragi Petro Mozul, akaba yari umukozi w’ishengero yaba i Kharkiv, yarishwe mu gitero c’amabombe

    Ikibabaje, ku wa 1 Ntwarante 2022, umuvukanyi 1 w’umuragi aba i Kharkiv yarishwe, umugore wiwe na we arakomereka cane bivuye ku mabombe yatewe

  • Hari abandi bashiki bacu 3 bakomeretse

  • Abamamaji barenga 5.000 barataye izabo

  • Inzu 2 zarasambutse

  • Inzu 3 zarononekaye cane

  • Inzu 35 zarononekaye bibayabaye

  • Ingoro z’Ubwami 2 zarononekaye

  • Abamamaji benshi barabuze umuyagankuba, ivyuma bishusha mu nzu ntivyaba bigikora, barabura amarezo ya telefone n’amazi

Ibijanye no gutabara

  • Muri Ukraine, harashinzwe Amakomite ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago 27

  • Abamamaji 867 baramaze gufashwa n’ayo makomite kugira baronswe uburaro mu turere dutekanye

  • Ayo makomite ariko arihatira kuronsa abavukanyi ivyo bakeneye nk’ibifungurwa n’amazi

Ivyo bitigiri vyerekanywe aho hejuru ni amaraporo ya mbere twaronse.

Dusenga dusaba ko abo bavukanyi na bashiki bacu bobandanya kuronka ubukerebutsi n’ugutahura kugira bamenye ukuntu bokwihanganira ivyo bihe bitoroshe, ariko kandi babandanye kugaragarizanya urukundo.​—Imigani 9:10; 1 Abatesalonika 4:9.