Ja ku birimwo

Liudmyla Mozul na Kateryna Rozdorska bompi barabuze abagabo babo mu ntambara yo muri Ukraine. Yehova hamwe n’abavukanyi bo kw’isi yose bariko barabafasha kwihangana

22 NDAMUKIZA 2022
UKRAINE

“Muri iryo joro, numvise umengo Yehova aramfashe ukuboko yongera aranterura mu maboko yiwe”

Kuzirikana ku mihango Yehova adusezeranira birakomeza bashiki bacu babiri bo muri Ukraine bapfakaye

“Muri iryo joro, numvise umengo Yehova aramfashe ukuboko yongera aranterura mu maboko yiwe”

Bashiki bacu Liudmyla Mozul na Kateryna Rozdorska, babifashijwemwo na Yehova bariko barihanganira umubabaro n’intuntu biterwa no kubura bivuye ku ntambara. Abagabo babo ari bo Petro Mozul na Dmytro Rozdorskyi, bari mu Vyabona vya Yehova ba mbere bahitanywe n’intambara iriko ibera muri Ukraine. Ikibabaje, ni uko gushika kuri ino tariki, tumaze kubura abavukanyi na bashiki bacu 34 bahitanywe n’iyo ntambara.

Petro na Liudmyla Mozul

Petro na Liudmyla babatijwe mu 1994, bakaba bari bamaze imyaka 43 bubakanye.

Liudmyla avuga ati: “Buri musi, abo dusangiye ukwizera bama bambwira amajambo aremesha. Baguma banterefona. Narakozwe ku mutima kandi n’ikete ry’indemesho narungikiwe n’Ishami rya Ukraine ku buryo nkorora n’amosozi.”

Intambara yatanguye ku wa 24 Ruhuhuma 2022. Petro, uwari umukozi w’ishengero, mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso yarishwe igihe we n’umuryango wiwe bariko bagerageza guhunga amabombe y’urutavanako i Kharkiv ku wa 1 Ntwarante 2022.

Inyuma y’imisi itari mike baturitsa amabombe, kuri uwo musi indege z’indwano na zo zaratanguye gutera ico gisagara. Umuryango wiwe warakoranije utuntu dukeyi bari bakeneye baca barahunga mu minuta 30 gusa. Petro na Liudmyla bari mu muduga umwe. Umuhungu wabo Oleksii n’umugore wiwe Maryna na bo bari mu wundi muduga. Liudmyla avuga ati: “Twari mu muduga duca mw’ibarabara indege z’indwano zariko zikororeramwo amabombe. Umuduga waranyiganyiga kubera amabombe bariko batera.”

Petro, uwari afise imyaka 67 yaragerageje gukatisha umuduga ningonga kugira ntagonge umuduga wa Oleksii ariko barakomeretse cane. We n’umugore wiwe Liudmyla barabatwaye mu bitaro, aho amaherezo Petro yapfiriye. Liudmyla yarakomeretse ku kuguru no mu nda kubera ibimanyu vy’amabombe vyamutarukiyeko. Oleksii na Maryna nta co babaye. Liudmyla yagiye kumenya ko umugabo wiwe Petro yapfuye haciye imisi itatu avuye mu bitaro.

Liudmyla avuga ati: “Uko nzirikana ku buntu bwa Yehova hamwe n’umugambi wiwe igitangaza ni ko ndushiriza gutekana mu mutima. Ndizigira ntakeka ko mw’isi nshasha nzosubira kubona umugabo wanje. Si je nzobona ico gihe c’umunezero kirageze.”

Kateryna na Dmytro Rozdorksyi

Dmytro na Kateryna bari bamaze imyaka umunani bubakanye. Umugabo wiwe agiye ku kazi, yamubwiye ijambo rya nyuma ati: “Turasubira hanyuma.”

Haciye amasaha make, ku wa 8 Ntwarante 2022, uwakorana n’umugabo wiwe yaraterefonye Kateryna amubwira ko Dmytro yahonyoye kuri mine baca baramujana mu bitaro. Ariko inyuma y’amasaha 5 bahejeje kumubaga, yaciye apfa.

Kateryna amaze kumenya ko Dmytro yapfuye, yavuze ati: “Muri iryo joro, numvise umengo Yehova aramfashe ukuboko yongera aranterura mu maboko yiwe. Narumvise ko Yehova ari hafi yanje.”

Dmytro yari afise imyaka 28. Yabatijwe mu 2006 akaba yari umukurambere mw’ishengero ry’i Donetsk muri Ukraine.

Inyuma y’amaziko ya Dmytro, Kateryna yarafashe urugendo rw’amasaha 12 agiye mu karere gatekanye muri Ukraine. Avuga ati: “Nararonse indemesho zivuye ku bavukanyi bo muri Ukraine n’abo mu bindi bihugu. Baranyeretse urukundo rudasanzwe ku buryo umubabaro nari mfise ugabanuka.”

Abandanya ati: “Kwamamaza birandemesha cane. . . . Igihe numva ndengewe n’umubabaro, nca nsubiramwo amajambo yo muri Bibiliya nk’ayari mu Bafilipi 4:6, 7.”

Turizigira tudakeka ko Yehova azobandanya kubera isoko ry’indemesho abavukanyi na bashiki bacu twikundira babuze ababo muri iyo ntambara yo muri Ukraine.​—Zaburi 61:1-3.