Ja ku birimwo

13 RUHUHUMA 2015
UKRAINE

Amazu yo gusengeramwo yigarurirwa mu turere two mu buseruko bwa Ukraine

Amazu yo gusengeramwo yigarurirwa mu turere two mu buseruko bwa Ukraine

Imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho iramaze kwigarurira ku nguvu Ingoro z’Ubwami 14 (ni ukuvuga amazu yo gusengeramwo) zegukira Ivyabona vya Yehova muri Ukraine. Ayo mazu yigaruriwe ari mu turere twa Donetsk na Luhansk mu buseruko bw’ico gihugu, hakaba haciye amezi menshi indwano zibica bigacika muri utwo turere. Abo bantu bitwaje ibirwanisho bateye Ivyabona vya Yehova kubera babanka kandi bakaba badashaka ko bagira umwidegemvyo wo gusenga no gukoranira hamwe.

Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga 20 bafise umwidegemvyo wo gusenga muri Ukraine. Vasyl Kobel, akaba akorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona kiri i Lviv, yavuze ati: “Twahora duhurira hamwe mu mazu yo gusengeramwo kugira dusome Bibiliya twongere dusenge, kandi twahora dukora ibishoboka vyose kugira dutange akarorero keza mu kibano. Ariko mu mezi aheze, akajagari kabaye mu buseruko bw’igihugu karagize ingaruka zibabaje ku buzima bw’abanyagihugu bo muri Ukraine. Amabi yakozwe ntiyansize inyuma n’Ivyabona vya Yehova.”

Kobel yavuze kw’izina ry’Ivyabona vya Yehova 150.000 baba muri Ukraine. Mu mezi aheze, Ivyabona ibihumbi barataye izabo barahunga uturere turimwo intambara. Ariko rero, Ivyabona bashika hafi 17.500 bagumye mu turere twa Donetsk na Luhansk baragerageza kwitwararika ibikorwa vyabo vya misi yose naho bari mu karere gakorerwamwo amabi. Kubera ko Ingoro z’Ubwami zabo zafashwe, Ivyabona ibihumbi ubu ntibagira inyubakwa bahuriramwo kugira basenge, bikaba bisaba ko bakoranira mu bibanza bitobito mu mazu y’abantu. Abandi na bo bategerezwa kugira urugendo rw’amasaha abiri kugira bashobore kwifatanya n’abandi mu gusenga.

Kwigarurira Ingoro z’Ubwami vyerekana urwanko rushingiye kw’idini

Kwigarurira Ingoro z’Ubwami si ikintu capfuye kwiyadukiza ahubwo vyabaye ibitero vyagizwe n’abantu baterekwa Ivyabona vya Yehova n’ivyo bemera. Umukuru w’akagwi kamwe k’abo bantu yavuze ko agomba “kwomora Ivyabona vya Yehova bose” kuko kuri we ngo idini rya Orotodogisi ari ryo ryonyene rirekuriwe gukora muri ako karere. Uwundi na we yavuze ati: “Ivy’Ivyabona vya Yehova bigiye kurangira.” Naho baguma baterwa ubwoba, Ivyabona vya Yehova biyemeje kubandanya ibikorwa muri Ukraine yose.

Naho ata Vyabona bahakomerekeye, umutekano wabo n’umwidegemvyo wo kwifatanya n’abo basangiye ukwemera birageramiwe. Igihe kimwe abantu bitwaje ibirwanisho barateye Ingoro y’Ubwami mu gisagara ca Horlivka mu karere ka Donetsk mu gihe bariko barasenga, baratera ubwoba abari ng’aho ushizemwo abageze mu zabukuru hamwe n’abana. Ikindi gihe, Ivyabona vya Yehova barababaye bashitse ku Ngoro y’Ubwami yabo gusenga bagasanga impfunguruzo zahinduwe, Ingoro na yo yahindutse ikirindiro c’abasoda.

Ibiriko birakorwa kugira iyo ngorane itorerwe umuti

Kobel yavuze ati: “Abaserukira icicaro gikuru c’i Lviv baravuganye n’abashikiranganji batandukanye ba Leta n’abandi bategetsi kugira babamenyeshe ico kintu kinyuranye n’amategeko co kwigarurira izo Ngoro. Ivyo bituma Leta imenya ko ata ruhara dufise mu bintu bibera muri izo nyubakwa canke mu bikorwa n’abazigaruriye.” Vyongeye, ico cicaro gikuru carasavye abaja imbere abandi mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova yo mu turere twa Donetsk na Luhansk gukora ivyo bashoboye vyose kugira biyemeze neza ko ubuzima bw’Ivyabona butari mu kaga. Baribukijwe kandi ko ubuzima bufise agaciro kuruta inyubakwa be n’uko badakwiye gukora ikintu na kimwe cotuma hagira n’umwe mu Vyabona ageramirwa.

Kubera ko hakiri imidurumbanyo, Ivyabona ntibaritura ubutungane kugira basabe gusubizwa Ingoro z’Ubwami zabo. Yamara rero, Ivyabona biyemeje kubandanya imirimo yabo ya gikirisu naho bafise ingorane zatewe n’ukwigarurira Ingoro z’Ubwami zabo. Si bo bazobona basubijwe izo nyubakwa zabo maze bagasubira guhurira hamwe mu mutekano n’abo basangiye ukwemera muri izo Ngoro z’Ubwami borohewe.