Ja ku birimwo

11 MUNYONYO 2014
UKRAINE

Naho hari intambara muri Ukraine, Ivyabona vya Yehova barakoraniye hamwe mu mahoro kandi harasohowe Bibiliya

Naho hari intambara muri Ukraine, Ivyabona vya Yehova barakoraniye hamwe mu mahoro kandi harasohowe Bibiliya

Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova asohoye Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo.

I LVIV muri Ukraine: Naho mu buseruko bwa Ukraine hari intambara, Ivyabona vya Yehova barakoraniye hamwe i Lviv kuva kw’igenekerezo rya 4-6 Mukakaro 2014, mu gikorane cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarasohoye Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu kinya Ukraine ca none.

Ibiro vy’ishami vyo muri ico gihugu vyaratunganije ivy’uko abantu bari bakoraniye mu bisagara 8 no mu bindi bibanza 62 vyo mu karere ka Donetsk bakurikirana biciye kuri videwo ibiganiro nyamukuru vyo muri ico gikorane, muri ako karere ka Donetsk intambara ikaba yariko irabica bigacika. Abakurikiranye ico gikorane bose hamwe bari 82.832, muri abo hakaba harimwo 18.336 bari bakoraniye ku kibuga c’inkino c’i Lviv. Ababatijwe bose hamwe bari 1.068.

Abantu 18.336 ni bo bitavye igikorane cabereye i Arena Lviv, kikaba cari cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!”

Ku musi wa mbere, ico gikorane carahagaze gatoyi kubera inkuru yavuga ko hari ikibombe catezwe muri ico kibuga. Abari aho bose baciye ubwo nyene bava muri ico kibuga. Mu minuta 11 abantu barenga 16.000 bari muri ico kibuga bari bamaze gusohoka, ariko ico gikorane nticatevye kubandanya kubera ko abategetsi baciye bavuga ko cari igihuha.

Vasyl Kobel, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Ukraine, avuga ati: “Twarahimbawe no kwakira abashitsi benshi mu gikorane cacu. Ikintu nyamukuru cabaye kwari ugusohora Bibiliya y’isi nshasha y’ikinya Ukraine yasubiwemwo, ikaba yasohowe mu congereza muri Gitugutu 2013. Turahimbarwa no kubwira ababanyi bacu umuhango Bibiliya itanga wo kuzoba mu mahoro muri kazoza, canecane muri iki gihe igihugu cacu kiri mu ntambara.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Ukraine: Vasyl Kobel, tél. +38 032 240 9323