Ja ku birimwo

6 MUKAKARO 2015
UKRAINE

Ukraine: Barakurikiranye ikoraniro ridasanzwe bari mu karere karimwo intambara

Ukraine: Barakurikiranye ikoraniro ridasanzwe bari mu karere karimwo intambara

LVIV muri Ukraine: Ku wa 14 Ruhuhuma 2015, Ivyabona vya Yehova bo muri Ukraine baragize ikoraniro ridasanzwe mu ntumbero yo kuremesha bagenzi babo barenga 17.000, baba mu karere katabaguwe n’intambara kari mu buseruko bwa Ukraine. Iryo koraniro ry’amasaha abiri ryabereye kw’ishami ry’Ivyabona vya Yehova riri i Lviv. Ariko kandi, abari mu karere k’ubuseruko bwa Ukraine be no mu tundi turere tw’ico gihugu bararikurikiranye biciye ku buhinga bw’amasanamu aca kuri internet. Iryo koraniro ryaje hageze, narirya ku wa 24 Nzero 2015 hatewe amabombe mu gisagara citwa Marioupol kiri ku nkengera y’ibahari. Ico gitero cahitanye inzu 61 z’Ivyabona vya Yehova, Icabona umwe w’imyaka 16 arahasiga ubuzima, uwundi na we arakomereka bikomeye.

Abakoraniye mu Ngoro y’Ubwami y’i Makiivka mu karere karimwo intambara, kugira ngo bakurikirane ikoraniro ryariko ribera kw’ishami ryo muri Ukraine.

Abo kw’ishami ryo muri Ukraine barasenyeye ku mugozi umwe n’abo kw’ishami ryo mu Burusiya, barafata amasanamu y’iryo koraniro ryose maze barayereka n’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya no muri Biélorussie. Ivyo vyatumye abakurikiranye iryo koraniro bose baba 337.099: muri Ukraine bari 150.841, mu Burusiya no muri Biélorussie na ho bakaba 186.258.

Gustav Berki, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Ukraine, avuga ati: “Raporo ivuga ingene tugarukira abari mu ngorane muri Ukraine yararemesheje cane abo muri ako karere karimwo intambara. Barahumurijwe kandi no kumenya ingene komite ijejwe gutabara y’i Rostov-sur-le-Don mu Burusiya, iriko iritwararika abavukanyi bacu bahunze.”

Yaroslav Sivulskiy, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya, na we avuga ati: “Kw’isi yose Ivyabona vya Yehova barazwi ko ari abanyamahoro kandi ko batisuka muri politike. Iryo koraniro ryaraciye irya n’ino imvo zishingiye kuri Bibiliya zituma tuguma ata ho duhengamiye. Ryarerekanye kandi igituma tutagira uruhara mu ntambara, twaba turi abo mu Burusiya, muri Ukraine canke mu kindi gihugu ico ari co cose.”

Ivyabona vya Yehova babiri b’i Horlivka mu karere ka Donetsk bacitse kw’icumu igihe ikibombe casenya inzu yabo barimwo.

Gushika ubu, ishami ryo muri Ukraine riramaze gushinga amakomite 14 ajejwe kugarukira ku bashikirwa n’ivyago vy’iyo ntambara. Ayo makomite aramaze gufashisha Ivyabona bo muri ako karere n’abatari Ivyabona, amatoni y’ibifungurwa arenga 149 be n’amatoni 21 y’impuzu. Ayo makomite aramaze kandi kuronsa uburaro impunzi zirenga 7.600, yongera arasanura inzu zitari nke zo kubamwo be n’Ingoro z’Ubwami (inzu zo gusengeramwo), izasenyuwe na zo zirubakwa bushasha. Nk’akarorero, inyuma y’imisi ibiri gusa habaye ca gitero mu gisagara ca Marioupol, Komite ijejwe gutabara yarashinze umugwi w’abantu 160 kugira ngo utangure igikorwa co gusanura inzu 34.

Parikingi y’imodoka y’i Marioupol yatewe ibibombe, ikaba ibangikanye n’Ingoro y’Ubwami (ntiboneka kw’ifoto)

Berki yaranavuze ko ibikorwa vyo gutabara biyoborwa n’ishami ryo muri Ukraine bitagarukira gusa ku kuronsa abantu ivyo bakeneye ku mubiri. Yavuze ati: “Uretse iri koraniro ridasanzwe, abagenduzi b’amashengero barabandanya kugendera amashengero 136 y’Ivyabona vya Yehova ari muri ako karere karimwo intambara. Kandi nk’uko bigenda mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose, abakurambere baho barihatira kuguma baremesha kandi bagahumuriza abo bajejwe.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Biélorussie: Pavel Yadlouski, tél. +375 17 292 93 78

Mu Burusiya: Yaroslav Sivulskiy, tél. +7 812 702 2691

Muri Ukraine: Gustav Berki, tél. +38 032 240 9323