Ja ku birimwo

21 MUNYONYO 2014
UKRAINE

Amakuru mashasha: Ivyabona vya Yehova baratunganije ivyo gufasha abantu ibihumbi bataye izabo muri Ukraine

Amakuru mashasha: Ivyabona vya Yehova baratunganije ivyo gufasha abantu ibihumbi bataye izabo muri Ukraine

I LVIV muri Ukraine: Ivyabona vya Yehova barabandanya gufasha abo basangiye ukwemera bahunze intambara yabiciye bigacika mu buseruko bwa Ukraine.

Mu Vyabona hafi 7.500 bahunze, abashika 4.000 bariko bitwararikwa n’amakomite indwi ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago yashizweho n’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Lviv. Abasigaye bahawe indaro n’incuti zabo hamwe n’abo basangiye ukwemera bo muri Ukraine no mu Burusiya. Ayandi makomite atandatu ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago ariko aritwararika Ivyabona barenga 17.500 bagumye muri ako karere kateyemwo intambara.

Amabombe yarasambuye amazu atari make y’Ivyabona, harimwo n’iyi yo mu kigwati ca Semenivka, mu karere ka Donetsk.

Ibiro vy’ishami vy’i Lviv vyavuze ko Ivyabona batandatu ari bo bahitanywe n’iyo ntambara. Icabona umwe w’i Kramatorsk yapfuye ku wa 17 Ruheshi 2014 ahitanywe n’ikibombe caturikiye hafi y’imodoka yarimwo. Amabombe yarahitanye ibindi Vyabona batanu baba i Donetsk, i Sloviansk, i Rozkishne, n’i Luhansk.

Ibiro vy’ishami biriko birahagarikira kandi ibikorwa vyo gusubira kwubaka ibibanza Ivyabona basengeramwo hamwe n’amazu yabo.

Ivyabona bariko barasakara inzu yari yasambutse yo mu gisagara ca Sloviansk.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Ukraine: Vasyl Kobel, tél. +38 032 240 9323