Ja ku birimwo

18 MUKAKARO 2014
UKRAINE

Raporo yerekeye Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée

Raporo yerekeye Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée

I LVIV muri Ukraine—Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ukraine bimenyesha ko ku wa 17 Ruheshi 2014, Icabona umwe wo mu gisagara kiri mu buseruko bwa Ukraine citwa Kramatorsk yahitanywe n’ikibombe caturikiye hafi y’umuduga wiwe. Nta bindi Vyabona bishwe canke ngo bakomereke cane mu ntureka zimaze amezi zugarije ico gihugu. Yamara rero, Ivyabona amajana barakuwe mu turere twugarijwe n’intureka mu buseruko bwa Ukraine. Abahunga baca bakirwa n’abo basangiye ukwizera.

Naho ubukozi bw’ikibi bubandanya muri Ukraine, Ivyabona ntibareka kubwira abandi ubutumwa buhumuriza bwo muri Bibiliya. Mu gice ca mbere c’ukwezi kwa Ruheshi 2014, Ivyabona baragize amakoraniro maninimanini atari make mu mahoro n’umutekano mu buseruko bwa Ukraine. Ayo makoraniro yari agizwe n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya be n’udukino twerekana ingene impanuro zo muri Bibiliya zoshirwa mu ngiro mu buzima bwa misi yose. Abantu barenga 5.200 ni bo bayitavye. Ivyabona bazogira amahwaniro 40 y’akarere muri Ukraine no muri Crimée. Ayo mahwaniro azoshimika ku vyiyumviro vyo muri Bibiliya vyerekana ko tuzobaho mu mahoro muri kazoza dutwarwa n’Ubwami bw’Imana. Vyitezwe ko abantu barenga 165.000 bazoyitaba, harimwo n’abashika 7.500 bo muri Crimée.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Muri Ukraine: Vasyl Kobel, tel. +38 032 240 9323