Ja ku birimwo

13 RUHUHUMA 2015
UKRAINE

Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zarigaruriwe mu karere ka Donetsk n’aka Luhansk muri Ukraine

Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zarigaruriwe mu karere ka Donetsk n’aka Luhansk muri Ukraine

Akarere ka Donetsk

HORLIVKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Mu mpera za Ruheshi 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho baramenye Ingoro y’Ubwami, bariba ivyuma vyo mu buhinga bwa none, bayishirako amagufuri mashasha baca bayigira ikirindiro cabo.

Igisagara ca Horlivka 75 Akademika Koroliova St.

HORLIVKA:Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 5 Mukakaro 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho barigaruriye Ingoro y’Ubwami. Baciye bayigira ikirindiro cabo be n’ikibanza co kubikamwo ibirwanisho, mugabo muri Nyakanga 2014 barayivuyemwo. Ivyabona baciye bagaruka maze barasubira gusengera muri iyo Ngoro y’Ubwami.

  • Ku wa 12 Gitugutu 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho barahagaritse ikoraniro rijanye n’ugusenga ryariko ribera mu Ngoro y’Ubwami baca bategeka abahari bose kudasubira kuhasengera. Bavuze ko idini rya Orotodogisi ari ryo ryonyene rirekuriwe gukora muri ako karere be n’uko bagiye “kwomora Ivyabona vya Yehova bose.” Iyo Ngoro y’Ubwami nya bagabo bayigize ikirindiro cabo.

Igisagara ca Donetsk 10 Karamzina St.

DONETSK: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 13 Myandagaro 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho baramenye Ingoro y’Ubwami baca bayigira ikirindiro cabo.

  • Ku wa 19 Myandagaro 2014, abo bagabo barivye ivyuma biduza amajwi baca baragenda. Ivyabona baciye bagaruka maze barasubira kuyisengeramwo.

  • Ku wa 18 Gitugutu 2014 ikoraniro rijanye no gusenga rirangiye, abaserukira ibatayo ya gisirikare igira kane yitwa Oplot baragiye ku Ngoro y’Ubwami bamenyesha Ivyabona bari bahari ko bayigaruriye.

  • Ku wa 18 Munyonyo 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho barategetse Ivyabona gusinya impapuro zemeza ko Ingoro y’Ubwami yegukiye ibiro vya komanda w’akarere ka Petrovsky na Kirovskyi. Iyo nyubakwa rero nya bagabo baciye bayigira ikirindiro cabo.

Igisagara ca Horlivka 4 Hertsena St.

HORLIVKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’abanyagihugu.

  • Ku wa 30 Nyakanga 2014, televiziyo yo muri ako karere yarabajije ibibazo uwiswe ngo ni uwusigaye ari nyene iyo Ngoro, aca avuga ko yari yatswe Ivyabona vya Yehova kugira ibe ishure ry’abaterana ibipfunsi. Kuva mu 2013, iyo Ngoro y’Ubwami yarahatswe kubomorwa no guturirwa akatari gake. Ubwa nyuma yahatswe guturirwa hari ku wa 5 Ruheshi 2014.

DONETSK: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 26 Gitugutu 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho bo mw’ibatayo yitwa Shakhtar muri République populaire de Donetsk (RPD) baramenye Ingoro y’Ubwami, ubu bakaba bayigize ikirindiro cabo.

Igisagara ca Zhdanivka 14 Komsomolska St

ZHDANIVKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 27 Gitugutu 2014, umugwi w’abitwaje ibirwanisho b’i Horlivka barigaruriye Ingoro y’Ubwami kw’itegeko ry’umukomanda. Icegera ciwe yavuze ko idini rya Orotodogisi ari ryo ryonyene ryemerewe gukorera muri ako karere be n’uko ayandi yose abujijwe.

  • Ku wa 21 Munyonyo 2014, umukomanda w’uwundi mugwi mutoyi w’abasoda yari asigaye ahagenzura yaciye abwira Ivyabona vya Yehova ko ingabo ziwe zari zigiye kwigarurira iyo Ngoro y’Ubwami.

Ikigwati ca Telmanove 112 Pervomaiska St.

TELMANOVE: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 4 Munyonyo 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho baramenye iyo nyubakwa maze bayicungisha abantu bafise ibirwanisho.

  • Ku wa 11 Kigarama 2014, abo bagabo barazanye ibirwanisho vyabo muri iyo nyubakwa, ubu bakaba bayigize ikirindiro cabo.

Igisagara ca Makiivka 17 Pecherska St.

MAKIIVKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi, mu nyuma barayiheba baragenda.

  • Ku wa 5 Munyonyo 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho bo mw’ibatayo yitwa Rus baramenye Ingoro y’Ubwami. Baciye bategetse Ivyabona kubaha impfunguruzo zayo no kutigera bahagaruka. Ku musi ukurikira, icegera ca komanda yarakuyeho icapa kiranga iyo Ngoro y’Ubwami agisubiriza ibendera riranga iyo batayo.

  • Ku wa 26 Munyonyo 2014, abagize iyo batayo barahevye iyo nyubakwa baragenda.

HORLIVKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi, mu nyuma barayiheba baragenda.

  • Ku wa 29 Munyonyo 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho barinjiye muri iyo Ngoro y’Ubwami maze bamenyesha Ivyabona bari bahari ko bayigaruriye. Umwe muri abo bagabo yavuze ko idini rya Orotodogisi ari ryo ryonyene leta ya Donetsk yemerera gukora muri ako karere. Abo bagabo baciye bacungisha iyo nyubakwa abantu bafise inkoho, baca barihaniza Ivyabona kuhagaruka. Bukeye, abo bagabo barahevye iyo nyubakwa.

Igisagara ca Zuhres 1 Cherniakhovskoho St.

ZUHRES: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 20 Kigarama 2014, umukomanda w’ico gisagara yaramenyesheje ko yari yigaruriye iyo nyubakwa. Yategetse Ivyabona vya Yehova kumuha impfunguruzo zayo no kutazigera bahagaruka.

DONETSK: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 1 Ruhuhuma 2015, abagabo bitwaje ibirwanisho barinjiye mu Ngoro y’Ubwami. Bategetse ko Ivyabona babahereza impfunguruzo zayo kandi bagasinya impapuro zemeza ko yegukiye uwo mugwi mu kiringo c’iyo ntambara.

YENAKIEVE: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 3 Ntwarante 2015, abagabo bitwaje ibirwanisho bategetse ko Ivyabona vya Yehova babaha impfunguruzo z’iyo Ngoro y’Ubwami kugira bayigire ikirindiro cabo.

Akarere ka Luhansk

Igisagara ca Antratsyt 4 Komunarska St.

ANTRATSYT: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’abanyagihugu.

  • Incuro zibiri muri Nyakanga 2014, abantu batazwi baramenye Ingoro y’Ubwami. Barivye ibikoresho vyo mu buhinga bwa none baca bandika ku ruhome ngo “Abakosaki b’aborotodogisi!”

  • Ku wa 25 Nyakanga 2014, televiziyo imwe yo muri ako karere yaravuze ko Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zigaruriwe ku bw’iyindi migambi, nk’amashure ya garidiyene.

Igisagara ca Rovenky 84-A Dzerzhynskoho St.

ROVENKY: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 23 Nyakanga 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho bo mw’ibatayo yitwa Saint George baramenye Ingoro y’Ubwami barinjira baca barihaniza Ivyabona ngo ntibazohagaruke. Abo bagabo baciye bayigira ikirindiro cabo.

PEREVALSK: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 5 Munyonyo 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho barongowe n’icegera ca mbere mu biro vya komanda wa gisirikare barinjiye muri iyo nyubakwa maze bamenyesha Ivyabona bari ng’aho ko bayigaruriye kugira baze barayiriramwo. Ico cegera ca mbere yavuze ati: “Ivy’Ivyabona vya Yehova birarangiye.” Yaciye abwira ivyo Vyabona ko batosubiriye kuhasengera.

Igisagara ca Krasnyi Luch 37 Radianska St.

KRASNYI LUCH: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 5 Kigarama 2014, abagabo bitwaje ibirwanisho baramenye Ingoro y’Ubwami maze bayicungisha abantu bafise ibirwanisho, baca baparika imiduga y’igisoda mu kigo cayo.

BRIANKA: Ingoro y’Ubwami yarigaruriwe n’umugwi w’abarwanyi.

  • Ku wa 26 Ntwarante 2015, abagabo bitwaje ibirwanisho baramenye iyo Ngoro y’Ubwami. Baratwaye ibikoresho vyose vyari muri yo, icapa c’Ingoro y’Ubwami baca bagisubiriza n’icanditseko ngo “Don Host Mushoboravyose.”