Ja ku birimwo

28 Mukakaro 2014
UKRAINE

Ukudahana ivyaha kuriko kurasasira indava ikibi muri Ukraine

Ukudahana ivyaha kuriko kurasasira indava ikibi muri Ukraine

“Ukudahana ivyaha gutuma abantu badatinya gukora ikibi.” Ukwo ni ko biri muri Ukraine, aho igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bagirirwa nabi bahorwa ukwizera kwabo kiguma ciyongera. Ivyabona vya Yehova barakenguruka kuba Leta ya Ukraine iha amadini umwidegemvyo wo gusenga. Ariko rero barahagaritswe umutima n’uko ubugizi bwa nabi bagirirwa bwabaye ndase, bitumwe n’uko bene gukora ayo mabi badahanwa.

Ibitero vyabaye ndanse

Kuva mu 2008, Ivyabona vya Yehova barakubaguwe incuro 64 mu gihe baba bari mu bikorwa vyabo bijanye n’ugusenga canke babirangije. Incuro 16 muri izo, bakubaguwe n’abapatiri b’aborotodogisi.

Kuva mu 2008 gushika mu 2013, Ingoro z’Ubwami (inyubakwa basengeramwo) zaratewe incuro 190, zirononekara. Incuro 13 muri izo, abateye baragerageje guturira izo nyubakwa. Mu 2012 no mu 2013, ubwo bubisha bwiyongereye incuro zibiri ugereranije no mu myaka ine imbere y’aho.

Ibitero bagirirwa na vyo nyene birushiriza kuba ibikomeye. Mu 2012, Ingoro z’Ubwami zibiri z’i Donetsk zaraturiwe, zirasha ziratokombera. Mu 2013, incuro zibiri Ivyabona barakubaguwe barakomeretswa bimwe bikomeye ku buryo vyabaye ngombwa ko baja mu bitaro.

Ivyabona barituye ubutegetsi ariko nta cavuyemwo kuko abategetsi batihutiye kugira amatohoza ashemeye, canke ngo bahane bene gukora ako kabi kabishe.

Abategetsi barabirenzako uruho rw’amazi

Ingoro y’Ubwami y’i Horlivka mu karere ka Donetsk, yarasambuwe yongera iraturirwa ku wa 5 Ruheshi 2014

Igihe inyubakwa zabo zitewe: Abapolisi ntibatabara igihe bituwe canke na ho bakaza batevye. Igihe Ivyabona bituye abategetsi, akenshi usanga abategetsi badakurikirana ababagiriye nabi, iyo babigize na ho babigira harengeranye. Igihe na ho bituye ubutungane, usanga umushikirizamanza adasabira igihano izo nkozi z’ikibi canke na ho sentare ikazicira igihano co kwikurayo. Kuva mu 2008 gushika 2012, ubukozi bw’ikibi nk’ubwo bwarabaye incuro 111, ariko nta na rimwe abategetsi bigeze bahana bene kubikora.

Igihe bakubaguwe: Akenshi igipolisi ntikigira amatohoza ashemeye canke ngo kirondere kumenya bene gukora ikibi. Iyo bishitse na ho hakaba amatohoza, ni gake izo nkozi z’ikibi zihanwa. Iyo na ho vyiswe ngo zirahanywe, usanga igihano kidahwanye n’ikibi ziba zakoze kubera ko ivyo bibi bidafatwa ko babikoze bivuye ku rwanko.

Iki ni icerekana ko ukudahana ivyaha bisasira indava ikibi

Amabi yakorewe Oleksandr Tretiak

Oleksandr Tretiak

Ivyabaye ku wa 26 Munyonyo 2013 vyovyo ni agahomerabunwa. Icabona ca Yehova afise imyaka 41 yitwa Oleksandr Tretiak yari atashe avuye mu bikorwa bijanye n’ugusenga. Abagabo batatu baramurengeyeko, barakubita baranoza mu minota irenga 20. Abo bagabo yarabamenye: umwe ni Ruslan Ivanov; uwundi ni intwazangabo yakukurutse mu gipolisi yitwa Anatoliy Dovhan; uwundi na we ni umukwe w’iyo ntwazangabo, akaba ari umupolisi yitwa Evheniy Ihlinskiy ajejwe uruja n’uruza rwo mu mabarabara. Tretiak abavuye mu vyara yaciye anyarukanwa kwa muganga kubera inguma zikomeye z’aho bamutemaguye, aho yakomeretse cane mu mutwe, bamumenye n’umwiriri.

Naho yari indembe, uwagize amatohoza we yivugiye ko yakubiswe n’abagabo batatu “batamenyekanye” kandi ko “atababaye cane.” Iyo ndembe imaze indwi zibiri mu bitaro yaciye isohorwa itarakira, kubera yuko kuhamara igihe kirekire vyokwerekanye ko yari yasinzikaye. Ariko kubera ko yari yakomeretse bibabaje, vyabaye ngombwa ko bukeye aca asubizwa mu bitaro. Imisi yose hamwe yamaze mu bitaro yabaye 23.

Ubu vuba ni ho sentare yemeza ko Ruslan Ivanov umwe mu bamukubise yagirwa n’icaha, mugabo yari amaze kwihungira. Ubu Tretiak aratekewe n’ubwoba kubera atinya ko bazosubira kumugirira nabi. Avuga ati: “Ndazi neza ko bashaka kunyica babitumwe n’urwo banka Ivyabona vya Yehova.”

Abategetsi boba bazokwikubita agashi?

Muri Ukraine hari Ivyabona vya Yehova barenga 150.000, kandi bamaze imyaka itari mike bafise umwidegemvyo mu bijanye no gusenga. Muri kahise, hari ivyo abategetsi bagiye barabatunganiriza. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bizigiye ko abajejwe gukurikiza amategeko muri Ukraine bazogira amatohoza ashemeye, bagahana izo nkozi z’ikibi kugira ngo ntizirendegere.