Ijuru ni iki?
Inyishu Bibiliya itanga
Muri Bibiliya ijambo “ijuru” rirerekeza ahanini ku bintu bitatu: (1) amajuru tubona; (2) akarere k’ibiremwa vy’impwemu; hamwe (3) no ku kibanza co hejuru canke c’iteka. Ibiba biriko biravugwa biradufasha kumenya insobanuro y’ukuri iyo ari yo. a
Amajuru tubona. Ni ukuvuga mu kirere, harya umuyaga uhuhutira, inyoni zigurukira, aho tubona ibicu bivamwo imvura n’urubura, aho imiravyo irabiriza. (Zaburi 78:26; Imigani 30:19; Yesaya 55:10; Luka 17:24 ) Ashobora kandi gusobanura hejuru y’ibicu, aho “izuba n’ukwezi n’inyenyeri” biri.—Gusubira mu vyagezwe 4:19; Itanguriro 1:1.
Akarere k’ibiremwa vy’impwemu. Imvugo “ijuru” rirerekeza kandi ku majuru ataboneka canke aho ibiremwa vy’impwemu biba. (1 Abami 8:27; Yohani 6:38) Aho ni ho Yehova Imana aba, nakare ni “Impwemu,” hamwe n’abamarayika yaremye. (Yohani 4:24; Matayo 24:36 ) Rimwe na rimwe, imvugo “amajuru” rirerekeza ku bamarayika b’abizigirwa, ari ryo “shengero ry’aberanda.”—Zaburi 89:5-7.
Bibiliya kandi irakoresha imvugo “amajuru” mu kwerekeza gusa ku kibanza Yehova avyagiyemwo, ni ukuvuga ‘ahantu aba.’ (1 Abami 8:43, 49; Abaheburayo 9:24; Ivyahishuwe 13:6) Nk’akarorero, Bibiliya yari yaravuze ko Shetani n’amadayimoni yiwe botawe hanze y’ijuru ntibasubire kwinjira aho Yehova ari. Naho ari ukwo, bogumye baba mu karere k’ibiremwa vy’impwemu.—Ivyahishuwe 12:7-9, 12.
Ikibanza co hejuru canke c’iteka. Ivyanditswe birakoresha ijambo “ijuru” mu kwerekeza ku kibanza co hejuru, canecane ku bijanye n’ubutegetsi. Ico kibanza gifiswe na:
Yehova Imana we Segaba wa vyose.—2 Ngoma 32:20; Luka 15:21.
Ubwami bw’Imana, ubutegetsi buzosubirira intwaro z’abantu. Bibiliya ivuga ko ubwo Bwami ari “amajuru mashasha.”—Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13. b
Abakirisu bakiri kw’isi mugabo bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru.—Abanyefeso 2:6.
Ubutegetsi bw’abantu bwishize hejuru ubugereranije n’abatwarwa babwo.—Yesaya 14:12-14; Daniyeli 4:20-22; 2 Petero 3:7.
Shetani n’amadayimoni ari na bo ubu baganza isi.—Abanyefeso 6:12; 1 Yohani 5:19.
Ijuru rimeze gute?
Mw’ijuru hari ibikorwa vyinshi. Hariyo abamarayika amamiliyoni amajana n’amajana ‘bashitsa ijambo rya Yehova.’—Zaburi 103:20, 21; Daniyeli 7:10.
Bibiliya idondora ijuru nk’ahantu h’umuco ukayangana. (1 Timoteyo 6:15, 16) Umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe ijuru maze abona ‘hakaka.’ Daniyeli na we mu vyo yeretswe yabonye mw’ijuru “umugezi w’umuriro.” (Ezekiyeli 1:26-28; Daniyeli 7:9, 10) Mw’ijuru ni heranda kandi hasa neza cane.—Zaburi 96:6; Yesaya 63:15; Ivyahishuwe 4:2, 3.
Ukuntu Bibiliya idondora ijuru kurateye akoba. (Ezekiyeli 43:2, 3) Ariko rero, ntibishoboka ko abantu batahura neza ivy’ijuru kubera ko birengeye ivyiyumviro vyacu.
a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ijuru” rishobora kuba rikomoka kw’ijambo risobanura ikibanza co “hejuru” canke “kininahaye.” (Imigani 25:3) Raba igitabu The New Brown, Driver, and Briggs Hebrew and English Lexicon of the Old Testament, urupapuro rwa 1029.
b Igitabu kimwe (Cyclopedia) canditswe na McClintock be na Strong kivuga ko ayo majuru mashasha avugwa muri Yesaya 65:17 asobanura “ubutegetsi bushasha, ubwami bushasha.”—Volume IV, urupapuro rwa 22.