Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
Inyishu Bibiliya itanga
Egome. Igihe Yezu yari kw’isi, yarashikije ubuhanuzi bwinshi bwerekeye “Mesiya Indongozi,” ari we yobaye “Umukiza w’isi.” (Daniyeli 9:25; 1 Yohani 4:14) N’aho Yezu amariye gupfa, yarabandanije gushitsa ubuhanuzi bwerekeye Mesiya.—Zaburi 110:1; Ivyakozwe 2:34-36.
Izina “Mesiya” risobanura iki?
Ijambo ry’igiheburayo Ma·shiʹach (Mesiya) hamwe n’iry’ikigiriki Khri·stos (Kristu) yompi asobanura “Uwarobanuwe.” Ku bw’ivyo, “Yezu Kristu” bisobanura “Yezu Uwarobanuwe,” canke “Yezu Mesiya.”
Mu bihe vya Bibiliya, igihe umuntu yaba agenywe ngo azezwe ibanga ridasanzwe, akenshi baca bamusuka amavuta ku mutwe mu kwerekana ko yarobanuwe. (Abalewi 8:12; 1 Samweli 16:13) Imana ni yo yagenye Yezu ngo abe Mesiya, iryo rikaba ari ibanga ridasanzwe. (Ivyakozwe 2:36) Ariko Imana ntiyamurobanuje amavuta, ahubwo yamurobanuje impwemu nyeranda.—Matayo 3:16.
Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwari kurangukira ku bantu benshi?
Oya. Nka kurya nyene ata muntu asangira igikumu n’uwundi, ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bworangukiye ku muntu umwe. Ariko rero, Bibiliya iratugabisha ko “ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe.”—Matayo 24:24.
Mesiya yoba azoboneka muri kazoza?
Oya. Bibiliya yari yaravuze ko Mesiya yokomotse kuri Dawidi, Umwami wa Isirayeli. (Zaburi 89:3, 4) Ariko rero, inzandiko zerekana ingene ba sekuruza b’Abayuda bagiye barakurikirana kuva kuri Yezu gushika kuri Dawidi zaratakaye, bikaba bishoboka ko zaturiwe igihe Abaroma bigarurira Yeruzalemu mu 70 inyuma ya Kristu. a Kuva ico gihe, nta n’umwe yoshoboye kwemeza ko akomoka mu muryango w’Umwami Dawidi. Yamara rero, izo nzandiko zariho mu gihe ca Yezu, kandi n’abansi biwe ntibahakanye ko yakomoka kuri Dawidi.—Matayo 22:41-46.
Muri Bibiliya hari ubuhanuzi bungahe bwerekeye Mesiya?
Nta woshobora kudomako igitigiri nyezina c’ubwo buhanuzi. Nk’akarorero, uburyo bwo guharura ubuhanuzi ushobora gusanga butandukanye, mbere no ku buhanuzi biboneka neza ko bwerekeye Mesiya. Muri Yesaya 53:2-7 haravuga ibintu bitandukanye vyerekeye Mesiya. Hari abofata ko ibivugwa muri iyo mirongo yose ari ubuhanuzi bumwe, abandi na bo bagafata ko kimwekimwe cose muri vyo ari ubuhanuzi buri ukwabwo.
Ubuhanuzi bumwebumwe bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu
Ubuhanuzi |
Aho buri |
Iranguka |
---|---|---|
Akomoka kuri Aburahamu |
||
Akomoka kuri Izahaki umuhungu wa Aburahamu |
||
Avuka mu muryango wa Yuda |
||
Akomoka mu muryango w’Umwami Dawidi |
||
Yavyawe n’umwigeme w’isugi |
||
Yavukiye i Betelehemu |
||
Yiswe Emanweli b |
||
Yavukiye mu muryango uciye bugufi |
||
Abana barishwe inyuma y’ivuka ryiwe |
||
Yarahamagawe ngo ave mu Misiri |
||
Yiswe Umunyanazareti c |
||
Intumwa yomwitangiye imbere |
||
Yarobanuwe ngo abe Mesiya mu 29 inyuma ya Kristu d |
||
Imana yaremeje ko ari Umwana wayo |
||
Yaragiriye umwete inzu y’Imana |
||
Yaramamaje inkuru nziza |
||
Igikorwa yaranguriye i Galilaya cabaye nk’umuco mwinshi |
||
Yarakoze ibitangaro nka Musa |
||
Yavuga ibiva ku Mana nka Musa |
||
Yarakijije abantu benshi |
||
Ntiyininahaje |
||
Yarumviye impuhwe abagowe |
||
Yarerekanye ubutungane bw’Imana ico ari co |
||
Umujana w’agatangaza |
||
Yaramenyekanishije izina rya Yehova |
||
Yavugira mu migani |
||
Indongozi |
||
Benshi ntibamwemeye |
||
Ibuye ritsitaza |
||
Abantu baramwiyamirije |
||
Bamwankiye ubusa |
||
Yinjiye i Yeruzalemu ari ku ndogobwa |
Zekariya 9:9 |
|
Abana baramuhayagije |
||
Yaje mw’izina rya Yehova |
||
Yarahemukiwe n’umugenzi yari yizigiye |
||
Yagurishijwe ibiceri 30 vy’ifeza e |
Zekariya 11:12, 13 |
|
Abagenzi biwe baramutaye |
Zekariya 13:7 |
|
Baramwagirije ibinyoma |
||
Yagumye yinumiye bariko baramwagiriza |
||
Baramuciriyeko amate |
||
Baramukubise ku mutwe |
||
Baramutonaguye |
||
Ntiyarwanije abariko baramukubita |
||
Abategetsi baragiye hamwe kugira bamurwanye |
||
Baramukomereye imisumari mu biganza no mu birenge |
||
Abantu barapfindiye impuzu ziwe |
||
Yaharuranywe n’abacumuzi |
||
Yaratutswe |
||
Yarababajwe kubera abacumuzi |
||
Wamengo Imana yamuhevye |
||
Baramuhaye inkarihe n’indurwe ngo anywe |
||
Yaranyotewe imbere y’uko acikana |
||
Yashize impwemu yiwe mu maboko y’Imana |
||
Yarahevye ubuzima bwiwe |
||
Yaratanze incungu kugira akureho igicumuro |
||
Amagufa yiwe ntiyavunywe |
||
Yaracumiswe |
Zekariya 12:10 |
|
Yahambwe hamwe n’abatunzi |
||
Yarazuwe mu bapfuye |
||
Uwamuguze yarasubirijwe |
||
Yaricaye iburyo bw’Imana |
a Igitabu kimwe canditswe na McClintock be na Strong kivuga giti: “Nta gukeka ko inyandiko zerekeye urukurikirane rw’imiryango y’Abayuda zahiye mu gihe c’isenyurwa rya Yeruzalemu, ntizahiye imbere y’aho.”
b Izina ry’igiheburayo Emanweli risobanura ngo “Imana iri kumwe natwe.” Riradondora neza uruhara Yezu afise rwo kuba Mesiya. Umuzo wiwe kw’isi hamwe n’ibikorwa yakoze vyarerekanye ko Imana iri kumwe n’abasavyi bayo.—Luka 2:27-32; 7:12-16.
c Izina “Umunyanazareti” rishobora kuba rikomoka mw’ijambo ry’igiheburayo neʹtser risobanura “umunago.”
d Ushaka kumenya ingene Bibiliya yerekana ko umwaka wa 29 ari wo Mesiya yobonekeyeko, raba ikiganiro kivuga ngo “Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya.”
e Ubwo buhanuzi buri mu gitabu ca Zekariya, ariko umwanditsi wa Bibiliya Matayo avuga ko bwavuzwe “biciye kuri Yeremiya umuhanuzi.” (Matayo 27:9) Biboneka ko igitabu ca Yeremiya cigeze kuba ari co gitangura igihimba co muri Bibiliya citwa “Abahanuzi.” (Luka 24:44) Matayo ashobora kuba yavuze “Yeremiya” ashaka kuvuga ivyo bitabu vyose, harimwo n’igitabu ca Zekariya.