INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
1 Abakorinto 10:13: «Imana ni iyo kwizigirwa»
«Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi. Ariko Imana ni iyo kwizigirwa, ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira. Mugabo ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.»—1 Abakorinto 10:13, Bibiliya y’isi nshasha.
«Nta cabagerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira: arikw’Imana n’iyo kwizigirwa, ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza, izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.»—1 Abakorinto 10:13, Bibiliya Yera.
Ico mu 1 Abakorinto 10:13 hasobanura
Uwo murongo werekana kamere nziza cane Imana ifise, na yo akaba ari ukwizigirwa. Abasavyi b’Imana barashobora kwizigira ko izobafasha canecane igihe bari mu ngorane canke mu bigeragezo.
«Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi.» Abasavyi b’Imana boshobora kwoshwa gukora ikintu kitayihimbara. Naho ivyo bigeragezo bitoroshe, ni ibisanzwe kubera ko usanga abantu benshi barabiciyemwo. a Rero abasavyi b’Imana barashobora kwemera badakeka ko na bo nyene bashobora kwihanganira ivyo bintu.
«Imana ni iyo kwizigirwa.» Yehova b Imana ni uwo kwizigirwa. Yama nantaryo ashitsa umuhango atanga w’uko atazokwigera aheba abamukunda kandi baguma ari intahemuka kuri we bakongera bakamugamburukira. (Gusubira mu vyagezwe 7:9; Zaburi 9:10; 37:28) Ni yo mpamvu abamusenga bashobora kwizigira yuko azoshitsa kandi umuhango uremesha atanga mu gice gikurikira c’uwo murongo.
«Ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira.» Imana ni iyo kwizigirwa ku buryo itareka ngo umuntu ashikirwe n’ibigeragezo bikomeye cane adashobora kwihanganira. Irazi ivyo umwumwe wese mu basavyi bayo ashoboye n’ivyo adashoboye.—Zaburi 94:14.
«Ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.» Imana irashobora gukuraho ikigeragezo canke ikaronsa abasavyi bayo ikintu cose bakeneye kugira ngo bacihanganire. Nk’akarorero, irashobora kudufasha ibicishije ku mpwemu yayo nyeranda, ku ndemesho turonka muri Bibiliya, canke ku yindi mfashanyo iyo ari yo yose duhabwa n’abo dusangiye ukwizera.—Yohani 14:26; 2 Abakorinto 1:3, 4; Abakolosayi 4:11.
Amakikuro ya 1 Abakorinto 10:13
Uwo murongo uri mw’ikete intumwa Pawulo yandikiye abakirisu bo mw’ishengero ry’i Korinto. Muri iryo kete Pawulo yanditse, mu kuburira Abakorinto yakoresheje akarorero k’ivyabaye ku Bisirayeli ba kera. (1 Abakorinto 10:11) Pawulo aravuga ibintu bitari bike vyagerageje Abisirayeli, ushizemwo ugusenga ibigirwamana n’ubusambanyi. (1 Abakorinto 10:6-10) Bamwebamwe muri bo baraguye kubera ivyo bigeragezo. Pawulo akoresheje ako karorero, aributsa abakirisu yuko badakwiye kwiyizigira birenze biyumvira yuko batokwigera bagwa kubera ikigeragezo. (1 Abakorinto 10:12) Ariko rero, arabahumuriza akoresheje amajambo ari mu 1 Abakorinto 10:13. Abasavyi b’Imana b’intahemuka barashobora gutsinda ikigeragezo ico ari co cose.
Raba iyi videwo ngufi yerekana incamake y’igitabu ca 1 Abakorinto.
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ikigeragezo” rishobora kwerekeza ku nyosha mbi canke ku ngorane.
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»