Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»

Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»

 «Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.»​—Imigani 3:5, 6, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.»​—Imigani 3:5, 6, Bibiliya Yera.

Ico mu Migani 3:5, 6 hasobanura

 Dukwiye kwitura Yehova a Imana ngo atuyobore aho gufata ingingo zihambaye twisunze ubwenge bwacu.

 «Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose.» Turerekana ko twizigira Imana igihe dukora ibintu nk’uko ishaka. Dutegerezwa kwizigira Imana duherejeko, tukabigira n’umutima wacu wose. Muri Bibiliya, akenshi umutima werekeza ku muntu turi imbere, aho hakaba harimwo ukuntu umuntu yiyumva, imvo zituma akora ibintu, ingene yiyumvira, hamwe n’agatima afise. Ku bw’ivyo, kwizigira Imana harimwo n’ibindi uretse kuvyiyumvamwo gusa. Ni ihitamwo tugira kubera ko tuba twarajijutse neza ko Umuremyi wacu azi icotubera ciza.​—Abaroma 12:1.

 «Ntiwiheke ku bwenge bwawe.» Turakeneye kwizigira Imana kubera ko tudashobora kuroranirwa twisunze ivyiyumviro vyacu bidatunganye. Hamwe twokwiyizigira canke tugakora ibintu twisunze ukuntu twiyumva, twoshobora kugira amahitamwo tubona ko ari meza, ariko mu nyuma akavamwo ingaruka zibabaje. (Imigani 14:12; Yeremiya 17:9) Ubwenge bw’Imana buraruta cane ubwacu. (Yesaya 55:8, 9) Igihe tuyoborwa n’ivyiyumviro vyayo, turaroranirwa.​—Zaburi 1:1-3; Imigani 2:6-9; 16:20.

 «Numwibuke mu vyo ukora vyose.» Dukwiye kurondera kumenya ingene Imana ibona ibintu mu mice yose igize ubuzima bwacu no mu ngingo ihambaye iyo ari yo yose dufata. Ivyo tubigira mu kuyisaba ngo ituyobore no mu gukurikiza ivyo ivuga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Zaburi 25:4; 2 Timoteyo 3:16, 17.

 «Na we azogorora inzira zawe.» Imana iragorora inzira zacu mu kudufasha kubaho twisunga inzira zayo zigororotse. (Imigani 11:5) Turirinda rero ingorane zidakenewe maze tukabaho duhimbawe.​—Zaburi 19:7, 8; Yesaya 48:17, 18.

Amakikuro y’Imigani 3:5, 6

 Igitabu c’Imigani kirimwo impanuro z’ishimikiro zituma umuntu abaho ahimbawe kandi agahimbara Imana. Ibigabane icenda vya mbere vyanditswe nka kurya umuvyeyi aha impanuro umwana wiwe akunda. Ikigabane ca 3 kivuga ivyiza biba ku bantu baha agaciro impanuro z’Umuremyi wabo kandi bakazishira mu ngiro.​—Imigani 3:13-26.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Yesaya 12:2.