Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yesaya 26:3: «Umutima ukwiyegetseko, uzowuzigama mu mahoro»

Yesaya 26:3: «Umutima ukwiyegetseko, uzowuzigama mu mahoro»

 «Agatima gashigikiwe neza uzokazigama mu mahoro arama, kuko umuntu ari wewe yizigira.»​—Yesaya 26:3, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Umutima ukwiyegetseko, uzowuzigama mu mahoro, uzowuzigama mu mahoro kuko wakwizigiye.»​—Yesaya 26:3, Bibiliya Nyeranda.

Ico muri Yesaya 26:3 hasobanura

 Akoresheje ayo majambo ajijura, umuhanuzi Yesaya yerekanye ko Imana ikingira abo bose bayizigira baherejeko. Ivyo ibikora mu gutuma bumva batekaniwe kandi bakumva bafise amahoro.

 «Uzo[mu]zigama mu mahoro arama, kuko umuntu ari wewe yizigira.» Ako gace k’uwo murongo kavuga abantu bafise umwiyemezo wo kwama bizigira Yehova a baherejeko. Abizera Imana baratahura ko bakeneye kubaho bayizigira. Nk’akarorero, ntibisunga ivyiyumviro vyabo igihe bafata ingingo zihambaye. Aho kubigenza gutyo, bisunga ingene Imana ibona ibintu mu vyo bakora vyose. (Imigani 3:5, 6) Gusoma Bibiliya kenshi no kuzirikana ku vyo basoma birabafasha gutahura ingene Imana ibona ibintu. (Zaburi 1:2; 119:15) Iyo bari mu bihe bitoroshe, barasenga Yehova cane bamusaba ko yobafasha. (Zaburi 37:5; 55:22) Iyo babigenjeje gutyo, baba berekanye ko bizigira Imana, maze na yo igaca ituma bagira amahoro.

 «Uzo[mu]zigama mu mahoro arama.» Mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango, ijambo amahoro rigaruka incuro zibiri kugira rishimike kuri ico ciyumviro.Ku bw’ivyo, kugira ukwo gushimika kuboneke, iyo mvugo irashobora guhindurwa ngo «amahoro arama», «amahoro atagira agahaze» canke «amahoro akwiye.» Mu yandi majambo, abizigira Yehova baherejeko baragira amahoro ku rugero kanaka, ni ukuvuga amahoro yo mu mutima atavana n’ukuntu ibintu vyifashe. (Zaburi 112:7; 119:165) Ayo mahoro umuntu ayaronka kubera afitaniye na Yehova ubugenzi somambike, be n’uko yama yihatira gukora ivyo Yehova abona ko bibereye.​—Imigani 3:32; Yesaya 48:18.

 Ayo «mahoro arama» ntasobanura ko Yehova akingira abasavyi biwe ngo ntibashikirwe n’ingorane canke ngo ntibagire amaganya. (1 Samweli 1:6, 7; Yobu 6:1, 2; Zaburi 31:9) Naho ari ukwo arabafasha kwihanganira ingorane zibashikira. (Yesaya 41:10, 13) Arishura amasengesho yabo, akabaha ubukerebutsi n’inkomezi akongera akabahumuriza. (Zaburi 94:19; Imigani 2:6; Yesaya 40:29) Ivyo bituma baguma batekanye naho baba bari mu bihe bitoroshe.​—Abafilipi 4:6, 7.

Amakikuro yo muri Yesaya 26:3

 Umuhanuzi Yesaya yabayeho mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu. Abantu benshi bo mu Buyuda muri ico gihe no mu myaka yakurikiye ntibasenga Yehova Imana badahemuka. Ivyo vyatumye Yehova areka igisagara cabo Yeruzalemu kirandurwa mu mwaka wa 607 imbere ya Kristu.

 Naho ari ukwo, imyaka ijana imbere y’uko ico gisagara kirandurwa, Yesaya yaranditse ururirimbo rwo gushemeza Yehova dusanga mu kigabane ca 26. (Yesaya 26:1-6) Urwo ruririmbo rwavuga ibijanye n’igihe igisagara co mu Buyuda, igishobora kuba ari Yeruzalemu, cosubiye kwubakwa.

 Yeruzalemu yasubiye kwubakwa inyuma yo mu 537 imbere ya Kristu. Igihe ivyo vyaba, Abayuda b’abizigirwa bagarutse bavuye mu bunyagano bumva batekanye, kandi barashobora kuvuga bati: «Dufise igisagara gikomeye.» (Yesaya 26:1) Ariko rero, ibihome bikomeye vyari bikikuje ico gisagara si vyo vyatuma kiba igikomeye. Ahubwo cari gikomeye kubera ko Yehova yahezagira akongera agakingira abakibamwo.​—Yesaya 26:2.

 Ni ko biri no muri iki gihe. Abizigira Yehova baherejeko barumva batekaniwe kubera babona yuko Yehova ari «Igitandara» cabo canke ubuhungiro bwabo.​—Yesaya 26:4.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu ca Yesaya.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»