INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Yeremiya 11:11: «Nzobazanako ivyago»
«Yehova rero avuze ati: “Ngira ndabazaneko ivyago batazoshobora guhunga. Nibantabaza sinzobumviriza.”»—Yeremiya 11:11, Bibiliya y’isi nshasha.
«Nuko rero nzobazanako ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho ndabivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.»—Yeremiya 11:11, Bibiliya Yera.
Ico muri Yeremiya 11:11 hasobanura
Imana yabwiye ayo majambo Abayuda bo mu gihe c’Umuhanuzi Yeremiya. Kubera ko abantu birengagiza amategeko agororotse ya Yehova a n’impanuro zitanganywe urukundo bahabwa n’abahanuzi biwe, ntiyobakingiye ingaruka zibabaje zatewe n’ingeso mbi zabo.—Imigani 1:24-32.
«Yehova rero avuze ati.» Ako kajambo «rero» gahuza umurongo utangura n’uwukurikira. Muri Yeremiya 11:1-10, Yehova yabwiye abasavyi biwe yuko barenze kw’isezerano, canke isezerano ntabanduka, yagiraniye na ba sekuruza babo. (Kuvayo 24:7) Abayuda batanguye gusenga ibigirwamana, aho gusenga Umuremyi. Ubwo buhuni bwatumye haba ubwoko bwose bw’ubukozi bw’ikibi, harimwo mbere no gutanga abana babo nk’ikimazi.—Yeremiya 7:31.
«Ngira ndabazaneko ivyago.» Akenshi iyo Bibiliya ivuze ko Imana yakoze ikintu, iba ishatse kuvuga ko yaretse gusa kikaba. Kubera iki no ng’aha ari ukwo bimeze? Kuba abantu batanguye gusenga Imana z’ikinyoma, bakirengagiza ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova, vyabakwegeye ingorane nyinshi. Imana kandi ntiyasubiye kubakingira. Ivyo bica bituma umwami wa Babiloni, akaba yari umwansi wabo akomeye, ashobora gutsinda Yeruzalemu agatwara n’abahaba mu bunyagano. Imana z’ikinyoma bizigira ntizashoboye kubafasha.—Yeremiya 11:12; 25:8, 9.
Kuba Imana yararetse ivyo bintu bibabaje birashikira abasavyi bayo, ntivyerekana ko itari igororotse canke ko yariko ikora ibintu bibi. Muri Yakobo 1:13 herekana ko «Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, kandi na yo ubwayo [ata] we ibigerageresha.» Ni ivy’ukuri ko Bibiliya Yera ivuga ko Imana ‘izozana ivyago ku Bayuda.’ Ariko, ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango b rihindurwa ngo «icago» riri muri Yeremiya 11:11 rirashobora kandi guhindurwa ngo «amakuba» canke «amarushwa», rikaba ari ijambo ridondora neza ingorane zashikiye Abayuda.
«Nibantabaza sinzobumviriza.» Yehova ntiyumviriza amasengesho y’abantu bafise «amaboko . . . yuzuyeko amaraso» canke abarondera ko Imana z’ikinyoma zibarokora. (Yesaya 1:15; 42:17) Mugabo, arumviriza abigaya inzira zabo mbi babikuye ku mutima bakamugarukako bicishije bugufi.—Yesaya 1:16-19; 55:6, 7.
Amakikuro ya Yeremiya 11:11
Mu mwaka wa 647 imbere ya Kristu, Yehova yarashinze Yeremiya igikorwa co kuba umuhanuzi wiwe. Yeremiya yamaze imyaka 40 aburira abantu b’i Yudaya ku vyerekeye urubanza rw’Imana rwari rwimirije. Ariko ntibamwumvirije. Ico gihe, uwo muhanuzi yaranditse amajambo dusanga muri Yeremiya 11:11. Amaherezo, mu 607 imbere ya Kristu, bwa buhanuzi bwararangutse igihe Abanyababiloni basangangura Yeruzalemu.—Yeremiya 6:6-8; 39:1, 2, 8, 9.
Igitabu ca Yeremiya kirimwo kandi ubutumwa butanga icizigiro. Yehova yavuze ati: «Imyaka 70 niyarangira muri i Babiloni, . . . nzoshitsa ivyo nabasezeraniye mu kubagarukana aha hantu [aho abo Bayuda bahoze baba].» (Yeremiya 29:10) Yehova “yarashikije” uwo muhango mu 537 imbere ya Kristu, inyuma yaho Abamedi n’Abaperesi bigaruriye Babiloni. Yehova yaremeye ko abantu biwe, abari barakwiragiye muri iyo nganji, basubira mu gihugu cabo, bagasubira gusenga Yehova mu buryo bubereye.—2 Ngoma 36:22, 23; Yeremiya 29:14.
Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’igitabu ca Yeremiya.
a Izina ry’uruharo ry’Imana risanzwe ryaturwa ngo Yehova mu kirundi, hisunzwe uko ryandikwa mu ndome zine z’igiheburayo. Kugira umenye igituma Bibiliya nyinshi zikoresha izina ry’icubahiro «Umukama» aho gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»
b Ivyanditswe vy’igiheburayo, ibisanzwe vyitwa Isezerano rya kera, mu ntango vyanditswe mu giheburayo n’igiharameya.