INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Yeremiya 33:3: «Mpamagara, nanje ndakwitaba»
«Mpamagara, nanje ndakwitaba ndakubwire n’umutima ukunze ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi.»—Yeremiya 33:3, Bibiliya y’isi nshasha.
«Nyambaza nanje nzokwishura, nzokumenyesha ibintu bihambaye, ibintu bihishije kandi utari uzi.»—Yeremiya 33:3, Bibiliya Nyeranda.
Ico muri Yeremiya 33:3 hasobanura
Biciye kuri ayo majambo, Imana yaratumiye abantu bose ngo bayiyegereze mw’isengesho. Iyo abumvise ubwo butumire babwemera maze bagasenga Imana, yari kubahishurira ibintu vyobaye muri kazoza.
«Mpamagara, nanje ndakwitaba.» Imvugo ngo «mpamagara» ntisobanura gusa guhamagara n’ijwi ryumvikana canke gusemerera izina ry’Imana. Ahubwo muri uwo murongo, guhamagara Imana bisobanura kuyisenga tuyisaba ngo idufashe yongere ituyobore.—Zaburi 4:1; Yeremiya 29:12.
Ubwo butumire bishoboka ko bwari bwahawe ihanga rya Israyeli ya kera. Iryo hanga ryari ryarahemukiye Imana, rikaba ryari rigeramiwe n’ingabo z’Abanyababiloni. (Yeremiya 32:1, 2) Yehova a yarateye akamo Abisirayeli ngo bamugarukeko mu kumwitura biciye mw’isengesho.
«Ndakubwire . . . ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi.» Ivyo bintu Imana isezerana guhishura ni ibintu «bidatahurika» (canke bihishije), kubera yuko ata muntu yoshobora kubitahura adafashijwe n’Imana. Imvugo «ibintu bidatahurika» irashobora kandi guhindurwa ngo «ibintu bihishijwe.»
Ni «ibintu bihishijwe» ibihe Imana yohishuye? Ni ibintu vyobaye muri kazoza, ni ukuvuga isangangurwa ry’igisagara ca kera ca Yeruzalemu, ivy’uko comaze igihe ata muntu akibamwo n’uko mu nyuma cosubiye kwubakwa. (Yeremiya 30:1-3; 33:4, 7, 8) Ariko rero, Imana yarasezeranye kandi ko ihanga ry’abasavyi bayo ritozimanganye ryose.—Yeremiya 32:36-38.
Amakikuro ya Yeremiya 33:3
Yehova yahaye umuhanuzi Yeremiya ubwo butumwa mu 608 imbere ya Kristu, mu mwaka ugira cumi w’ingoma y’umwami Zedekiya. Yeremiya yari yaravuze imbere y’igihe yuko Yeruzalemu yosanganguwe be n’uko Zedekiya yojanywe mu bunyagano. Kubera ko umwami atanezerewe n’ubwo butumwa, yaciye apfungisha Yeremiya.—Yeremiya 32:1-5; 33:1; 37:21.
Ivyo ni vyo vyariko biraba igihe Imana yaha abasavyi bayo ubutumire dusanga muri Yeremiya 33:3. Ikibabaje, umwami Zedekiya n’abantu benshi bo muri iryo hanga baranse ubwo butumire, bituma bahasiga agatwe. (Yeremiya 7:26; 25:4) Ntibatabaje Imana ngo barondere kuyoborwa na yo. Haciye umwaka umwe, Zedekiya yarakuwe ku butegetsi, Yeruzalemu irasangangurwa, benshi mu barokotse na bo barafatwa bajanwa i Babiloni.—Yeremiya 39:1-7.
Amajambo ari muri Yeremiya 33:3 aratwibutsa ko no muri iki gihe Imana ishobora gufasha abantu biga Ijambo ryayo Bibiliya babijanishije n’isengesho. Irashobora kubafasha «[ku]menya neza ivyo igomba» kandi ikabahishurira «ibintu vyimbitse.» (Abakolosayi 1:9; 1 Abakorinto 2:10) Ivyo bintu vyimbitse birimwo ivyo Imana isezerana gukora vuba muri kazoza.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu ca Yeremiya.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»