INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Yohani 16:33: «Jewe naranesheje isi»
«Ivyo bintu ndabibabwiye kugira ngo biciye kuri jewe mugire amahoro. Mw’isi murahura n’ingorane, ariko nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.»—Yohani 16:33, Bibiliya y’isi nshasha.
«Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw’isi muri n’amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi.»—Yohani 16:33, Bibiliya Yera.
Ico muri Yohani 16:33 hasobanura
Yezu akoresheje ayo majambo, yarakuye amazinda abigishwa biwe ko boshobora kunezereza Imana naho boba bahanganye n’ibigeragezo canke bariko barahamwa.
«Ivyo bintu ndabibabwiye kugira ngo biciye kuri jewe a mugire amahoro.» Igice gisigaye c’uwo murongo kirerekana yuko ayo mahoro aterekeza ku kuba abantu badahuza. Ahubwo ni amahoro atuma tuguma dutekanye ntidute umutwe. Turaronka ayo mahoro «biciye kuri» Yezu, we yasezeranye kurungika impwemu nyeranda. Uwo «mufasha» akomeye yofashije abigishwa ba Yezu gutsinda ingorane iyo ari yo yose.—Yohani 14:16, 26, 27.
«Mw’isi murahura n’ingorane, ariko nimugire umutima rugabo!» Yezu yari azi neza ko abigishwa biwe boshikiwe n’ingorane nk’akarenganyo n’uruhamo. (Matayo 24:9; 2 Timoteyo 3:12) Naho vyari ukwo, bari bafise imvo zo “kugira umutima rugabo” canke gutekana.—Yohani 16:33.
«Jewe naratsinze isi.» Ng’aha ijambo «isi» ryerekeza ku bantu badafitaniye n’Imana ubucuti bwiza. b Muri 1 Yohani 5:19 havuga hati: «Isi yose iganzwa na wa mubisha», akaba ari Shetani. Ku bw’ivyo, abantu bo muri iyo «si» bariyumvira kandi bagakora ibintu mu buryo budahimbara Imana.—1 Yohani 2:15-17.
Shetani n’isi yiwe baragerageje gutuma Yezu adashitsa ivyo Imana igomba, hakaba harimwo kwigisha abantu ivyerekeye Imana no gutanga ubuzima bwiwe butunganye bwa ncungu. (Matayo 20:28; Luka 4:13; Yohani 18:37) Ariko Yezu ntiyemeye ko isi yosha ivyiyumviro vyiwe ku buryo aheba Imana. Yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye. Ni co gituma Yezu yashoboye kuvuga ko yatsinze isi kandi ko Shetani «umutware w’isi» ata «bubasha» amufiseko.—Yohani 14:30.
Yezu yarakoresheje akarorero kiwe bwite mu kwereka abigishwa biwe ko na bo nyene boshoboye kuguma ari intahemuka ku Mana n’igihe mbere bogeragezwa. Ni nk’aho Yezu yariko avuga ati: «Nimba narashoboye gutsinda isi, na mwebwe mwobishobora.»
Amakikuro ya Yohani 16:33
Yezu yavuze ayo majambo mw’ijoro rya buca apfa. Kubera ko yari azi ko agiye gupfa, yarakoresheje ako karyo mu guha impanuro za nyuma intumwa ziwe z’intahemuka. Yarashizemwo n’amakuru amwamwe bari bakeneye kuzirikanako ata gufyina: Ntibosubiye kumubona kandi borwanijwe, mbere bakicwa. (Yohani 15:20; 16:2, 10) Kubera ko ivyo vyoshoboye gutera ubwoba intumwa ziwe, Yezu yasozereye amajambo yiwe ari muri Yohani 16:33 mu kubaremesha no mu gutuma batekana.
Amajambo ya Yezu n’akarorero yatanze birashobora kandi kuremesha abigishwa biwe muri iki gihe. Abakirisu bose barashobora kuguma ari intahemuka ku Mana naho boba bari mu makuba.
a Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo «biciye kuri jewe» irashobora kandi guhindurwa ngo «mu bumwe nanje.» Yerekana ko abigishwa ba Yezu bari gushobora kugira amahoro mu kuguma bunze ubumwe na we.
b Ijambo «isi» rikoreshwa mu buryo bumwe muri Yohani 15:19 no muri 2 Petero 2:5.