Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Zaburi 46:10: «Nimwisigireho, mumenye kw’ari jewe Mana»

Zaburi 46:10: «Nimwisigireho, mumenye kw’ari jewe Mana»

 «Nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana. Nzoninahazwa mu mahanga yose, nshirwe hejuru kw’isi yose.»​—Zaburi 46:10, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Nimwisigireho, mumenye kw’ari jewe Mana; nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw’isi.»​—Zaburi 46:10, Bibiliya Yera.

Insobanuro ya Zaburi 46:10

 Imana ihimiriza abantu bose kuyisenga no kwemera icese ko ari yo ifise uburenganzira bwo gutegeka isi. Nta muntu ashobora kurwanya ububasha ifise n’ ubukuru bwayo, rero umuntu wese yipfuza kubaho ibihe bidahera ategerezwa kwemera ico kintu.​—Ivyahishuwe 4:11.

 «Nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana.» Bibiliya zimwezimwe zihindura ico gice ca mbere c’uwo murongo ngo «nimwisigireho.» Ivyo vyatumye abantu benshi babitahura ukutari kwo, ko ari itegeko ribasaba kwubaha canke kuguma bacereje mw’isengero. Ariko rero, iryungane ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana» ni impanuro Yehova a Imana ubwiwe aha abantu bo mu mahanga yose, abaremesha guhagarika kumurwanya maze bakemanga icese ko ari we wenyene abereye gusengwa.

 Impanuro nk’iyo nyene turayisanga muri Zaburi ya 2. Ng’aho, Imana isezerana ko izorwanya abayirwanya. Ku rundi ruhande, abemera ubukuru Imana ifise ni yo bisunga kugira ibaronse ubuyobozi, inkomezi be n’ubukerebutsi. Abantu «bahungira kuri yo», barahimbarwa kandi bagatekana canecane mu bihe bigoye.​—Zaburi 2:9-12.

 «Nzoninahazwa mu mahanga yose, nshirwe hejuru kw’isi yose.» Muri kahise, Yehova Imana yarashizwe hejuru igihe yakoresha inkomezi ziwe zidasanzwe kugira akingire abasavyi biwe. (Kuvayo 15:1-3) Muri kazoza, azoshirwa hejuru ku rugero runini cane igihe abantu bose baba kw’isi yose bazoba bayoboka ubukuru bwiwe kandi ari we basenga.​—Zaburi 86:9, 10; Yesaya 2:11.

Amakikuro ya Zaburi 46:10

 Igitabu kimwe cita Zaburi ya 46 «ururirimbo runinahaza ububasha Imana ifise bwo gukingira abasavyi bayo.» Igihe abasavyi b’Imana baririmba Zaburi ya 46, baba berekanye ko bizigiye ububasha Yehova afise bwo kubakingira be no kubafasha. (Zaburi 46:1, 2) Ayo majambo yarabibutsa ko Yehova yaba ari kumwe na bo.​—Zaburi 46:7, 11.

 Kugira barushirize kwizigira ububasha Yehova Imana afise bwo kubakingira, Zaburi yabaremesha kuzirikana ku bikorwa vy’ububasha Imana yakoze. (Zaburi 46:8) Amajambo ari muri iyo Zaburi yerekeza canecane ku bubasha Imana ifise bwo guhagarika intambara. (Zaburi 46:9) Yehova yarahagaritse intambara mu buryo kanaka mu bihe vya Bibiliya, kugira akingire abasavyi biwe amahanga yabanka. Ariko rero, Bibiliya isezerana ko vuba Imana igiye kubigenza ukwo nyene mbere ku rugero runini cane igihe izohagarika intambara kw’isi yose.​—Yesaya 2:4.

 Yehova yoba akibandanya gufasha abasavyi biwe no muri kino gihe? Cane nyene. Mbere, intumwa Pawulo yaremesheje abakirisu ashimitse guhanga amaso Yehova kugira abafashe. (Abaheburayo 13:6) Ivyiyumviro biri muri Zaburi ya 46 biratuma turushiriza kwizigira ububasha Yehova afise bwo kudukingira. Biradufasha kubona ko Imana ari yo «buhungiro bwacu n’inkomezi zacu.»​—Zaburi 46:1.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu ca Zaburi.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde