Ja ku birimwo

Todd Aki/Moment Open via Getty Images

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuntu ifi yitwa La raie manta iyungurura ivyo ifungura

Ukuntu ifi yitwa La raie manta iyungurura ivyo ifungura

 Kugira ifi yitwa La raie manta ironke ivyo ifungura, irinjiza mu kanwa amazi avanganye n’utunyabuzima tutaboneka twitwa plancton. Amazi n’utwo tunyabuzima biraca mu bintu bikora nk’akayungiro bigatuma utwo tunyabuzima dusigara twonyene maze igaca itumira. Amazi aguma yinjira mu kanwa, arayungururwa agaca asohoka aciye mu magage. Ariko rero, iyo fi irashobora kuyungurura amazi ku buryo twa tunyabuzima plancton duto cane kuruta imyenge ya ka kayungiro kayo dusigara. Umumenyeshamakuru w’ivya siyansi yitwa Ed Yong avuga ko ubwo buhinga iyo fi ikoresha «busa n’aho budashoboka.»

 Rimbura iki kintu: Akayungiro k’iyo fi kagizwe n’ibintu bitanu vyihese nk’umuheto bigomba kumera nk’igisokozo gifise impande zibiri bakoresha mu kwisokoza, bikaba bifise amenyo amwe araba imbere ayandi araba inyuma. Ayo menyo aratandukanya amazi amwe agaca hejuru ayandi agaca hagati y’ayo menyo, bigatuma ayo mazi amera nk’ayariko arazunguruka.

 Igihe twa tunyabuzima plancton canke ibindi iyo fi ishobora kurya vyikubise ku mpera ya ya menyo, bica bizunguruka binyaruka bigakorokera mu muhogo, ya fi na yo igaca ibimira. Mbere n’utunyabuzima dutoyi cane twociye hagati ya ya menyo turakatira mu muhogo kubera ko ya mazi aba ariko arazunguruka atuma tugenda tunyaruka. Ubwo buhinga bwo kuyungurura buratuma iyo fi irya utuntu dutoduto twoca mu myenge iri hagati ya ya menyo maze tugasubira mu mazi.

 Vyongeye, Akayungiro k’iyo fi karafise ubushobozi bwo kutaziba no kuza karisukura n’igihe iyo fi iba iriko iranyaruka mu mazi canke igihe hari twa tunyabuzima plancton twinshi mu mazi.

 Abashakashatsi bategekanya kwisunga ubushobozi iyo fi ifise bwo kuyungurura ivyo ifungura mu gukora ubuyungiro bushobora kuyungurura amazi mabi bukayakuramwo uduplastike dutoduto cane dushobora kubangamira ubuzima.

 Uvyibazako iki? Ubwo buhinga ifi yitwa La raie manta ifise bwo kuyungurura ivyo ifungura bwoba bwariyadukije, canke hariho uwabushizeho?